Burundi : Imyigaragambyo isimbuwe n’intambara isesuye ariko irimo n’amayobera!

Publié le par veritas

Aha ingabo z'u Burundi zari mu mirwano na FNL

Aha ingabo z'u Burundi zari mu mirwano na FNL

Iryavuzwe riratashye, kuva imyigaragambyo yo kwamagana manda ya gatatu ya Perezida Pierre Nkurunziza yatangira abantu benshi bakurikirana politiki y’u Burundi bose bemeza ko icyo kibazo cya manda ya gatatu gishobora kuzabyara intambara ikomeye cyane i Burundi. Impuguke Philip Reytenjens wo mu gihugu cy’u Bubiligi yavuze uburyo bunyuranye igihugu cy’u Burundi kigiye kwinjira mu ntambara idasobanutse kubera manda ya gatatu ya Nkurunziza (kanda aha ubisome). Veritasinfo ikaba ifite amakuru ava mu gisilikare no mu gipolisi cy’u Burundi avuga ko kumugoroba wo kuri uyu wa gatanu taliki ya 10/07/2015 inzego z’iperereza z’u Burundi zifite amakuru y’uko hari umubare munini w’inyeshyamba ziteguye kwambuka umupaka ziva mu gihugu cya Congo zigatera u Burundi zinyuze mu Gatumba zikajya mu ishyamba rya Rukoko ariko kugeza ubu izo nyeshyamba zikaba zitaratangira imirwano. Mu gitondo cyo kuri uyu wa gatanu kandi hakaba hari umutwe uvugwa ko wavuye mu Rwanda ukaba wagabye igitero mu ntara ya Kayanza. Umusomyi wa veritasinfo uri mu Burundi kandi ukurikiranira hafi ibibazo biri kuhabera byaba ibya gisilikare n’ibya politiki yatugejejeho amakuru y’icyo gitero mu Burundi, agaragaza abavugwa ko bagiteye, uko abanyepolitiki n’abaturage b’abarundi bitwaye muri icyo gitero n’ingaruka iyo ntambaraga ishobora kugira ku gihugu cy’u Burundi ndetse n’ibihugu bihana imbibi nabwo. Ni mwisomere ayo makuru mu ateye mukirundi :

Mu burundi intambara yatanguye

Muri iki gitondo igihe c’isaha cumi na zibiri ni nusu co kur’uwu 10/07/2015, umurwi w’abarobeli ugereranywa hagati ya 800 ni 1000 yiyitirira izina Front Patriotique de Libération (FPL) wazindutse ugaba ibitero ku birindiro vy’abasoda n’abapolisi muma komine ya Kabarore na Rugazi hafi y’urugomero rw’umuyagankuba mu ntara ya Kayanza. Amabombe n’amasasu ubu ni urutavanako nk’uko abaturage baho babivuga. Abaroberi barahanganye n’abasoda n’abapolisi bayoboka Nkurunziza. Bemeza kandi ko habaye ikibazo gikomeye ku ruhande rwa leta kuko hari abasoda n’abapolisi ba leta aho kurwanya abaje gutera baciye bishikina ku barobeli. Amakuru ava muri izo komine aremeza ko abo barwanyi binjiye baturutse mu gihugu kibanyi c’Urwanda aho abarwanya leta ya Nkurunziza benshi bahungiye.

Iyo ntambara ibaye haheze igihe gito hari abajenerali babiri: Habarugira Philibert na Ngendakumana Leonard bahunze igihugu, kubera rya hirikwa ry’ubutegetsi ryaburizwamwo kuwa 13/05/2015, baheruka gutangaza ko vuba bagiye kugaba ibitero simusiga ku ngabo zikiyoboka Nkurunziza kandi ko bazoruhuka bamutembagaje. Abo bajenerali bemeza ko barongowe na jenerali Godefroid Niyombari, ko ari nawe abaha amategeko. Bakemeza ko ari mu gihugu hagati gutegura intambara. Ivyo babitangarije ku maradio ya hanze mu bihugu vya Kenya na Ouganda iyo bahungiye. Bemeza kandi ko abarwanya leta ya Nkurunziza nka bose bashoboye kwiyunga baba abahutu n’abatutsi, ubu bakaba bahora bakora imyimenyerezo mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Ariko hari n’abanyepolike bamwe bamwe bavuga ko iyo ntambara itazokoroha kuko imbonerakure zishobora kugaba ibitero simusiga ku banyagihugu ba batutsi zikabasasika kuko leta ya CNDD-FDD yabivye birenze amacakubiri mu muhari w’urwaruka rw’imbonerakure. Avugako abamurwanya ahanini ari abatutsi n’abahutu bake bakoreshwa n’abatutsi bari muri sosiyeti civile. Ico gihe rero intambara irashobora kuzohindura isura kuko abatutsi nibicirwa ababo ishavu rizoba ryinshi, bakagomba nabo kwihora mukwica abanyagihugu ba bahutu. Bikazotuma abarwanya Nkurunziza bacanamwo. Iyo ntambara rero irashobora kuzohitana abantu batari bake bu bwoko bwose kuko n’ubutegetsi bw’u Rwanda bushobora kuvyinjiramwo mugufasha abatutsi ba barundi muguhora ababo bazoba bishwe n’imbonerakure za CNDD-FDD. Ikindi gishobora gushika nuko abategetsi bico kiroberi ba bahutu bashobora kwicwa nabo muri urwo rugamba kugira ubutegetsi bufatwe n’umusikare w’umututsi. Gutyo integuro ya empire Hima ibe irashitse ku ntumbero.

Aha twokwibaza tuti mbe mugihe iyo ntambara ishobora guhindura isura, Nkurunziza n’abiwe bagatsinda abo baroberi, intambara izogarukira he? Ese ubutegtsi bw’i Bujumbura ntibuzokwirikirana abaroberi iyo bazoba bahungiye mu bihugu bibanyi ? Mbe bizogenda gute ? Ni ikibazo gikomeye hagati y’ibihugu bibanyi no mu karere. Reka tubihe umwanya.

Izindi ngorane zishobora gushikira igihugu c’u Burundi.

Turetse uwo murwi wa FPL urongowe na jenerali Niyombari, hari n’iyindi mirwi y’abaroberi ba barundi bari muri Repubulike Iharanira Demokrasi ya Congo. Mugihe iyo mirwi itoba yarifadikanije n’uwo FPL, bishobora kuzogira izindi ngaruka mbi mugihe batazoba bashizwe mu nzego z’umutekano. Ikibazo c’u Burundi kirakwiye kwitonderwa kuko bishobora kuzotungura benshi nk’uko batavyibaza. Reka n’ubundi tubihe umwanya kuko kazoza katunyegeje vyinshi.

Umusomyi wa veritasinfo i Bujumbura
Pour être informé des derniers articles, inscrivez vous :
Commenter cet article
K
Ko bavuga ko bakunda igihugu, imyaka 5 yotuma wiyumvira kwicisha no kwangaza abo ukunda??? Kuki abahutu bokwama bahendwa babona!

Mbe Leonard n'uwo Niyombare muvuga bafise ubuhe bushobozi tutazi. Imyaka bamaze barwanya Buyoya ko barigeze bafata n'ikomine nimwe gusa. Peter we barazinanyi ntabwoba bomutera??? Nibaze ntibazobura ababakira.
Répondre
J
US annnual report on human right in Rwanda is well done, juste and very clear. The futher will show surprises! The time is coming on! Wait and see!
Répondre
J
The US government has again accused Rwanda of violating human rights in a 2014 report released by the Department of State.

The annual report released at the end of June alleges that several government institutions were behind human-rights violations in 2014, including disappearances, harassment, arrests, and abuse of political opponents and human-rights advocates.

“Due to restrictions on the registration and operation of opposition parties and non-transparent vote-counting practices, citizens did not have the ability to change their government through free and fair elections,” the report partly reads.

“Other major human-rights problems included arbitrary or unlawful killings, torture, harsh conditions in prisons and detention centres, arbitrary arrests, prolonged pre-trial detention, and government infringement on citizens’ privacy rights,” the report further adds.

...biracyaza...
Répondre
M
Ibyo mvuga kuri veritas muri iyinyandiko birasobanutse, kuko barikugerageza guhanura yuko intambara izatuma imbonerakure zica abatutsi, kandi baziyuko iyo propaganda yakoreshejwe igihe babwiraga abatutsi guhunga. Nonese abobantu bahunze kugeza uyumunshi urambwira yuko haricyo bungutse? Rekajyenkubwire yuko ubu bahombye igihugu cyabo, kandi iyo ubuze igihugu uba ubuze byose.
Répondre
M
Biragaragara yuko Veritas ikomeje propaganda yatangije mugihe gishije, ikindi kandi ntacyo amateka yibyabaye mu Rwanda arikubigisha. Akaga bakururiye u Rwanda niko bashaka gukomeza kogeza no mu Burundi. Ngo imbonera kure zizica abatutsi, nonese habuziki kozitabishe igihe gishize? Icyotwabonye ahubwo nuko abatutsi bishe imbonerakure, nibakomeze bazabihomberamo. Icyo nasaba imbonerakure nuko bakomeza kwihangana ntizigwe mumutego wumututsi Kagame yakoresheje murwanda, akaba yibeshya yuko ni Burundi uzamuhira.
Répondre
F
Va kuri veritas wa muswa we. Ko utavuze ikaze se kandi ariyo yabitangaje mbere. Wa ntore we.
R
abatutsi bi burundi ntimwibeshye kagame arashaka kubakoresha munyunguze kugirango ahangane na tanzania...kandi ntibizaborohera...muzabaze abanyamurenge...uko byabagendekeye nta ntambara mushobora gutsinda I burundi tanzania itabahaye umugisha abirwanda na uganda ubutegetsi burya babukesha tanzania...
Répondre
K
Ababikurikiranira hafi bazatubwire itandukaniro rya FPL ya Niyombare na FPR ya Kagame. Koko Niyombare abona ririya zina yihaye rya FPL rizamugwa amahoro?
Répondre