Burundi : CNDD-FDD iriyama prezida Paul Kagame na Buyoya bari kwica abarundi
Mu Burundi, umugambwe uri ku butegetsi wa CNDD-FDD, uragiriza prezida w’urwanda Paul Kagame kuba inyuma y’ibibi vyose bimaze iminsi biba mu Burundi ariko na cane cane kugerageza gufasha Pierre Buyoya kugaruka ku butegetsi bw’ico gihugu.
Mw’itangazo ryasomwe kuri radio y’igihugu, uwo mugambwe uvuga ko ivyo yabigerageje mu nzira nyinshi, harimwo no kuzana inteko zo hanze no gucanishamwo amoko. Si ubwa mbere umugambwe CNDD FDD ishira mu majwi abo bantu babiri n’abandi banyamahanga, harimwo uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ububiligi na n’uwuserukira igihugu ca Amerika muri Onu, Samantha Power.
Iryo tangazo ku bisanzwe ryari iryo gushimira abakuru b’ibihugu ba Africa kubona baranse irungikwa ry’inteko mvamakungu mu Burundi mu nama y’abo iheruka kubera i Addis Abeba. Hamwe n’uwahoze atwara Uburundi Pierre Buyoya, CNDD-FDD yagiriza presida Paul Kagame ko aribo bariko bararondera izo nteko zo hanze Maprobu kugira zishigikire Buyoya kugaruka ku butegetsi ngo nk’uko iza ONU, mu Rwanda, Minuar ngo zafashije Paul Kagame gufata ubutegetsi mu mu 94.