Rwanda-TPIR: HRW ivuga ko ari ihurizo rikomeye kuba nta Muntu wa FPR Washinjwe Arusha !

Ivyo ishirahamwe Human Rights Watch ryabitangaje uno musi ku wa gatatu, mu kuvuga ko sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho Urwanda yashitse ku bintu bikomeye bizorabirwako ku bijanye n’amategeko mpuzamakungu mpanavyaha, kandi iyo sentare yabereye akarorero sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye.
Ishirahamwe, Human Rights Watch ritangaza ko sentare mpuzamakungu yashiriweho Urwanda, yashizweho n’urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi mu mwaka w’1994, yegetse ivyaha aku bantu mirongo icenda na batatu, isomera imanza abantu mirongo itandatu n’umwe, mu gihe yambitse izera abantu cumi na bane.
Ishirahamwe Human Rights Watch rimenyesha ko sentare mpuzamakungu mpanavayaha yashiriweho Urwanda yafashije bikomeye mu gushira ahabona ukuri ku vyabaye mu Rwanda, n’uguha ubutungane abazinzikajwe n’ubwicanyi. Yamara ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch riranebagura iyo sentare kuba itakwirikiranye bamwe mu bari mu murwi warwanya ubutegetsi, FPR Inkotanyi wahagaritse ihonyabwoko.
Iryo shirahamwe ryagiriza FPR kuba yishe Abahutu ibihumbi n’ibihumbi igihe yafata ubutegetsi mu Rwanda, mu kuvuga ko ata munywanyi n’umwe wa FPR, yakwirikiranywe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho u Rwanda.
Inkuru ya VOA