Burundi : Hussein Radjabu yavuganye na BBC
Ku nshuro ya mbere kuva aho atorokeye ibohero rikuru rya Bujumbura, Mpimba, uwahoze arongoye umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD FDD, Hussein Radjabu, yahaye ikiganiro BBC.
Leta y'u Burundi ariko yoyo ivuga ko gutoroka ibohero ataho bitaba kw'isi. Ngo abajejwe kubikurikirana bazomurondera, niyafatwa agarukanwe abandanye igifungo yakatiwe. Umuvugizi wa leta y'u Burundi, Philippe Nzobonariba (ku ifoto), yabwiye BBC ko uburyo bwo kumurondera ari bwinshi ngo ariko ntibovuga ubwo bazokoresha.
Bwana Radjabu ntiyigeze avuga neza na neza aho ari, ariko avuga ko ari "kumwe n'Abarundi" ngo kandi Abarundi babarizwa mu Burundi. Abajijwe nimba yoba ari muri Tanzania nk'uko bivugwa, yavuze ko atimiriwe kuja muri ico gihugu ariko kandi ntiyemenga ko ariho ari.
Uwahoze arongoye umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD FDD, yavuze ko yafashe ingingo yo gutoroka bitewe n'uko ubuzima bwiwe bwari bugeramiwe. Radjabu yavuze ko vyageze aho bamupfungira ahantu ha wenyene, aca asanga gutoroka ariwo muti wonyene wo gukingira ubuzima bwiwe.
Yasohotse Mpimba ukuri kwamye.
Hussein Radjabu yabariye BBC ko yasohotse ibohero rya mpimba ukuri kwamye yidegemvya, ngo kandi amatara yose amurika ibohero yaraka.Yavuze ko akiri mu mugambwe CNDD FDD ngo kandi kimwe mu vyo agiye kurangura n'ukugarukana umwuka mwiza muri uwo mugambwe.
Yongeyeko y'uko ibintu bitifashe neza mu gihugu ku batavuga rumwe na leta co kimwe na bamwe mu bari mu mubwe uri ku butegetsi, ngo ku buryo amatora atoba hari umwuka nk'uwo, ngo bigomba kubanza bigatorerwa umuti.
Gutoroka ibohero biba kw'isi yose
/http%3A%2F%2Ffr.igihe.com%2FIMG%2Fjpg%2Fnzobo.jpg)
Bwana Nzobonariba kandi avuga ko kuba Radjabu yoba afise abo bakorana mu nzego bishoboka, ngo ariko leta ntishobora kwitega ko hagira uwuvyemanga.
Gupfungwa
Hussein Radjabu yatawe mu mvuto mu kwezi kwa kane 2007, ahamwe n'icaha co gushaka guhungabanya inzego z'igihugu, acibwa umunyororo w'imyaka cumi n'itanu. Yatorotse ibohero mw'ijoro ryo kuwa Mungu itariki imwe z'ukwa gatatu, rishira uwa mbere itariki zibiri z'ukwa gatatu 2015.
Abajejwe ibohero rya Mpimba bavuze ko yafashijwe gutoroka na bamwe mu bapolisi bacunga ibohero.
kanda aha wumve ikiganiro cya Hussein Radjabu ku buryo burambuye yagiranye na radiyo Ijwi ry'Amerika
Source : BBC mu kirundi