Burundi : Abayobozi bakomeye 10 ba CNDD-FDD birukanwe muri iryo shyaka kubera inama bagiriye Nkurunziza !
[Ndlr : Ibaruwa yanditswe n’abayobozi bakuru bari mu kanama-ngishwanama k’ishyaka rya CNDD-FDD basaba Nkurunziza kutiyamamariza manda ya gatatu, ibaviriyemo kwirukanwa muri iryo shyaka. Ese kuba aba bayobozi bashyizwe hanze y’ishyaka birushijeho guha Nkurunziza imbaraga zo guhangana no kumvikanisha impamvu yo gutangwa nk’umukandida w’ishyaka rya CNDD-FDD cyangwa birushijeho guha ingufu abamagana iyo gahunda ye yo kwiyamamaza no gutesha agaciro ishyaka rye ? Iyi nkuru iri mu kirundi iradusobanurira neza imbaraga CNDD-FDD ikomeje gutakaza muri iki gihe amatora yegereje muri icyo gihugu!]
Umugambwe CNDD-FDD wafashe ingingo yo kwirukana abagumyabanga cumi kuri bamwe bamaze gutera umukono kuri za nyandiko zisaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kutitoza mu kiringo kigira gatatu. Ivyo bikaba bishikirijwe n’umuvugizi w’umugambwe mushasha Gélase Ndabirabe mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru co ku muhingamo wo kuri uno wa gatatu, bikaba vyatewe ko umukono n’umukuru w’umugambwe CNDD- FDD Pascal Nyabenda kuri uno wa 25 Ntwarante. Abo bagumyabanga bakaba bagirizwa kuba barigumuye bakaja kubiri n’akarangamutima ku mugambwe CNDD- FDD.
Inyuma yaho abagumyabanga bakomakomeye bo mu mugambwe CNDD-FDD bariye umutima amenyo bakandikira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bamusaba ko kutiha ikiringo ca gatatu, iryavuzwe riratashe abarongoye uwo mugambwe bahejeje gufata ingingo yo kubirukana muri uwo mugambwe. Tubibutse ko mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru, co ku munsi wa kabiri umukuru w’uwo mugambwe yabagereranije n’abakeba, mbere ko ata kindi boba bagamije atari gusenyura inzego za Reta.
Muri abo birukanywe akaba ari urutonde rugizwe n’abantu cumi bahora bakomeye muri uwo mugambwe. Uwa mbere ni umuvugizi w’umukuru w’igihugu Leonidas Hatungimana, Nduwimana Onesime yahora ari umuvugizi w’uwo mugambwe, Barahemana Francisko, Kanyange Genevieve, Niragira Yohani Berchmans , Bucumi Moise, Nsabiyumva Evaritse, Nyandwi Anselme, Ndayiziga Oscar. Tubakibutsa ko aribo bafashe iya mbere mu kwandika rwa rwandiko rwo guhanura umukuru w’igihugu kwitoza ubugira gatatu.
Inkuru y’igihe