RDC : Ese USA izahana igihugu cyose kizafasha Congo kurwanya RDF/M23 ?

Publié le par veritas

[Ndlr : Igihugu cya «Leta Zunnze Ubumwe z’Amerika (USA)» nicyo gihugu kiyoboye isi yose cyonyine nyuma y’isenyuka rya «Leta  Zunze ubumwe z’Abasoviyeti (URSS) kuva mu mwaka w’1989». Nyuma y’imyaka irenga 30, uburyo Amerika iyoboye isi ntaho bitaniye n’uburyo intare iyobora mu ishyamba! Urugero rwa hafi ni intambara iri kubera muri RD Congo !

Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo yatewe n’ingabo za Paul Kagame nk’uko Uburusiya bwateye Ukraine. Ingabo za Congo zifatanyije n’abaturage (wazalendo) zahagurukiye kurwanya umwanzi wateye igihugu, ariko igihugu cya leta Zunze ubumwe z’Amerika (USA) cyafatiye ibihano bamwe mu basilikare ba Congo ngo bitewe n’uko bafatanyije n’impunzi za FDLR mu kurwanya umwanzi wateye Congo ;  mu gihe igihugu cya Ukraine cyo gihabwa intwaro n’Amerika n’ibindi bihugu ndetse Ukraine ikitabaza n’abantu bose b'abanyamahanga  babishoboye kuza kuyifasha kurwanya Uburusiya, ariko ibyo Amerika ntibyite icyaha!

Ngurwo urugero rubi Amerika itanga ku isi yose mu guharanira demokarasi, ubutabera n’uburenganzira bwa muntu! Imiyoborere nk’iyo niyo ibihugu byibumbiye muri BRICS : Uburusiya-Ubushinwa, Afurika y’epfo –Ubuhinde n’ibindi bihugu, byiyemeje gukosora. Iyi nkuru ya BBC iratereka ko imiyoborere y’Amerika icuramye !]

DR Congo: Amerika yafatiye ibihano batandatu bo muri DR Congo, Rwanda, M23 na FDLR

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zafatiye ibihano abantu batandatu bagirizwa kugira uruhara mu gukomeza intambara mu buseruko bwa Repuburika ya Demokrasi ya Congo (RDC). Mu bafatiwe ibihano harimwo umusirikare mukuru mu ngabo z’Urwanda, nk’uko biri ku rubuga rw’ubushikiranganji bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bujejwe ikigega (imari) ca reta.

Brigadier General Andrew Nyamvumba – umukuru w’ibikorwa muri ‘division’ ya gatatu y’ingabo z’Urwanda, RDF – itangazo rivuga ko mu ntango za 2022 ingabo z’iyo ‘division’ zinjiye ku butaka bwa Congo, hanyuma zifatanije n’abagwanyi ba M23, batera ibirindiro vy’ingabo za Congo, FARDC, bamwe barapfa. Muri M23 naho uwafatiwe ibihano ni Bernard Byamungu, itangazo rivuga ko ari icegera c’uwujejwe ibikorwa n’iperereza.

FARDC na FDLR barafatanya kurwanya M23

Mu ngabo za DR Congo uwafatiwe ibihano ni Colonel Salomon Tokolonga, itangazo rivuga ko atwara 'regiment' ya 3422 muri FARDC. Tokolonga yagirizwa ko mu kwezi kwa Rusama (5) mu 2022 yakoresheje inama aho imigwi myishi yitwaje ibigwanisho y’aho muri Congo, yemeye gushinga urunani rwo kurwanya M23. Tokolonga yagirizwa ko yahaye ibigwanisho abagwanyi ba FDLR bagwanya M23, nk’uko biri muri iryo tangazo.

Muri FDLR abafatiwe ibihano ni batatu.

Apollinaire Hakizimana, komiseri ajejwe kwivuna abansi

Brigadier General Sebastian Uwimbabazi ajejwe iperereza

Protogene atwara umugwi ushamikiye kuri FDLR uzwi nka « Maccabe », kera wari uzwi nka Commando de Recherche et D’Action en Profondeur (CRAP)

Protogene yagirijwe n’ishirahamwe rya Buraya kutegura, gutanga amategeko canke gukora ibikorwa vy’amabi akomeye ku burenganzira bwa zina muntu muri Congo hamwe no gukomeza intambara, amaragamo make n'umutekano muke muri Congo. Ayo mazina y'abafatiwe ibihano na Amerika, n'ay'abandi bategetsi mu ngabo z'Urwanda, Congo, M23 na FDLR yari yaravuzwe mu cegeranyo abahinga ba ONU basohoye mu kwezi kwa Ruheshi (6) uyu mwaka. Ico gihe, mw'itangazo – riri mu Kinyarwanda, Igifaransa n'Icyongereza, leta y'u Rwanda yavuze iti: «Iyi raporo ishingiye ahanini ku bimenyetso bidafatika, ndetse n'amakuru atizewe agamije gusakaza ikinyoma cy'uko u Rwanda ari rwo nyirabayazana w'umutekano muke n'ibindi bibazo by'imbere muri DRC ».

Nawe Bertrand Bisimwa, umukuru wa politike wa M23, yahakanye ibiyirimwo, atangaza kuri Twitter ko abo bahinga bari bakwiye «kwibanda ku mpamvu muzi z'amatati aho kwita ku ngaruka zayo akenshi ziba zirimwo ibinyoma, propagande…biha umurindi amatati aho kuyatorera inyishu. » Reta ya Congo ico gihe nayo yahakanye ibirego vy'iyo raporo yagiriza ingabo zayo gufatanya na FDLR mu kurwanya M23. Ku bw’iryo tangazo ry’ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe ikigega, umuntu wese afatiwe ibihano amatungo yiwe afise muri Amerika canke ari mu minwe y’Abanyamerika aca afatirwa.

N’umuntu wese yogira ico akorana n'abafatiwe ibihano kijanye no gahanahana amafaranga canke ibicuruzwa nawe ashobora guca afatirwa ibihanoItangazo rivuga ko ico ibihano bigamije atari uguhana ahubwo ari ukugira habe uguhinduka kw’inyifato mu nzira nziza. Itangazo rivuga ko ivyo bihano vyerekana ishaka rya Amerika ryo gushira imbere utwigoro two kurangiza intambara n'uko abantu babazwa ivyo baba bakoze mu mabi ku burenganzira bwa zina muntu harimwo intureka ishingiye ku gitsina.

Bigamike kandi gutotore gutorera inyishu ibihe bvy'akaga gakomeye abantu barimwo, nk'uko biri mw'intangazo. «Amerika yiyemeje gushira imbere inyishu y'amahoro intambara yo mu buseruko bwa Repuburika ya Demokarasi ya Congo», nk'uko bivugwa n'icegera c'umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta muri Amerika ajejwe ibibazo vy'iterabwoba n'iperereza rifatiye ku bikorwa vy'amafaranga Brian E. Nelson. Intambara mu buseruko bwa Congo yongeye kuvyuka mu kwezi kwa Munyonyo (11), igihe umuhari M23 ushigikiwe n'Urwanda -nk'uko itangazo rivuga - wafata ibirindiro muri Kivu ya Ruguru.

Inkuru ya BBC gahuza

Pour être informé des derniers articles, inscrivez vous :
Commenter cet article