Burundi-CNARED: Nyangoma yabogojwe asubirirwa na Dr Jean Minani,naho BUSOKOZA Bernard aba icegera ciwe.
Uwahora aserukira (Conseil National pour le Respect de l’Accord d’Arusha et la Restauration d’un Etat de droit au Burundi) urunani rwihaye intumbero yo guharanira amasezerana ya Arusha hamwe no gukingira ibwirizwa nshingiro ry’uBurundi Bwana Leonard Nyangoma yakuwe mu mabanga yiwe asubirirwa na muganga (Dr) Jean Minani.
Ku majwi 16 kuri 30 yabari bahari umushingantahe Dr Jean Minani niwe yatorewe kuyobora urunani CNARED mugihe Bamvuginyumvira Frédéric nawe bariko bagwanira ico kibanza yarose amajwi 8 naho Nyangoma Leonard yahora arongoye uru runani yarose amajwi 6 gusa.
Ku majwi 17 kuri 30, BUSOKOZA Bernard yahoze ari icegera cambere c’umukuru w’igihugu yasubiriye Maître François Nyamoya aca aba ariwe atorwa kuba icababa (Premier Vice – Président) c’uworongoye CNARED kuva kuruyu wa 24 ndamukiza 2016.
Kuvyerekeye n’icegera ca Kabiri c’umukuru wa CNARED uyu wewe ntiyigeze ahindika kuko yagumye ari Onesime NDUWIMANA. Iyindi mpinduka yahabaye ni kuruhande rw’umunyamabanga mukuru w’urwo runani aho Hon. Frédéric Bamvuginyumvira yahora murayo mabanga yasubirijwe na Anicet Niyonkuru.
Source : bishasha.com