Tanzaniya :Perezida Magufuli nawe afashe icyemezo cyo kwirukana abanyamahanga!
Igihugu ca Tanzania catanguye kurondera no gusubiza iwabo abantu baba muri ico gihugu badakurikije amategeko. Icegera c’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu wa Tanzania, Hamad Masauni, yabwiye abamenyeshamakuru ko ico gikorwa gitanguye inyuma y’aho bibonekeye ko hari abantu benshi b’abanyamahanga bakora muri ico gihugu hadakurikijwe amategeko.
Ico gikorwa kandi gitanguye mu gihe hari haheze imisi mike ubushikiranganji bw’akazi, busavye ko hoba harahagaritswe impusha zo gukora akazi muri ico gihugu vy’agateganyo. “Reta ntishobora kuguma inumye mu gihe abakiri bato Babura akazi, mu gihe akazi bokoze kariko karakorwa n’abanyamahanga,” ivyo vyashikirijwe na Masauni mu kinyamakuru Mwananchi.
Uwuraba abinjira n’abasohoka mu ntara ya Dar Es Salaam, John Msumile, yavuze ko bimirije gufata abanyamahanga bashika ku 350. Kubiraba uruhusha rwo gukora akazi mu mwanya muto, Masauni yavuze ko reta izotegura ukundi ruzoza rutangwa ku bantu bashaka gukora akazi mu mwanya muto.
Ivyo bishitse inyuma y’aho reta ironkeye ibirego vyinshi kuri ico kibazo. Mu mpera z’umwaka, umushikiranganji mu biro vy’umushikiranganji wa mbere ashinzwe akazi, Jenista Mhagama, n’icegera c’umushikiranganji Anthony Mavunde, baragize urugendo batateguje muri amwe mu mashirahamwe atandukanye. Basanze hariho abanyamahanga benshi bariko barakora akazi ata vyangombwa bafise.
BBC Gahuza
Publicité