Jacques Bigirimana asaba Reta n’imigambwe kudasubira kwemera Richard Sezibera mu biganiro
Umukuru w’umugambwe FNL Jacques Bigirimana asaba Reta n’imigambwe yose yemewe n’amategeko kutemera ko umunyamabanga mw’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko Richard Sezibera asubira gutumirwa nk’umuhagarikizi w’ibiganiro.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane igenekerezo rya 7 Nzero 2016, Jacques Bigirimana yavuze ko Richard Sezibera yamye yerekana aho ahengamiye mu matati y’abarundi. Yavuze ko ivyo vyabonetse kuva imbere y’amatora mu biganiro vyahuje abarundi. Muri ico kiganiro Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL yavuze ko bafise amakuru ko imbere y’uko ibiganiro vyabereye i Entebbe bitangura, abari mu murwi utavuga rumwe na Reta bahamaze iminsi baganira na Sezibera, ibitarekuwe kuko ategerezwa kwakira impande zose kugira bavugane.
Umukuru w’umugambwe FNL amenyesha ko abarundi bakwiye kumenya ko hagati y’Uburundi n’Urwanda ibintu bitameze neza, kandi ko Sezibera nk’intumwa yatumwe n’Urwanda kuyihagararira muri EAC ari umwe mu barongozi bakomeye mu mugambwe uri ku butegetsi mu gihugu c’Urwanda FPR. Jacques Bigirimana asaba umuhuza akaba n’umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni kudasubira gutumira Richard Sezibera, agasaba kandi umukuru w’inama y’ibihugu vya EAC kudasubira kurungika umunyamabanga wayo Richard Sezibera ngo ayiserukire.