Burundi: Mu ijambo ry'umwaka mushya, umuyobozi wa FNL ishami rya gisilikare arerekana ko ibiganiro no kohereza ingabo i Bujumbura ntacyo bizageraho!

Publié le par veritas

Dukunze kubona impaka ziri hagati ya leta ya Nkurunziza n'amashyirahamwe ategamiye kuri leta ndetse n'amashyaka atavuga rumwe n'iyo leta yibumbiye mu mpuzamashyaka ya CINARED ariko ntacyo twumva kubyerekeranye n'ishyaka rya FNL ryitwaje intwaro. Mu mpera z'uyu mwaka, veritasinfo ikaba yabonye ubutumwa bw'umuyobozi wa FNL Ambassadeur Isidore Nibizi bugenewe abarundi n'abayoboke ba FNL n'abakunzi bayo. Muri iryo jambo hagaragaramo ko ikibazo cy'u Burundi kidashingiye kuri manda ya gatatu ya Nkurunziza ahubwo gifite imizi muri politiki rusange mu gihugu cy'u Burundi. Kwirengagiza ibyo bibazo byatumye FNL ifata intwaro ikajya mu ishyamba ntabwo bishobora kugarura amahoro mu gihugu uretse kubeshyana, ni musome kandi mutege amatwi ijambo ry'umuyobozi wa FNL ishami rya gisilikare , niho murabona ko ihurizo ry'u burundi rigikomeye.
 
IJAMBO RYO KWIPFURIZA UMWAKA MUSHASHA ABANAMARIMWE, INTWARAMIHETO ZA FNL, ABAKUNZI B’UMUGAMBWE FNL N'ABARUNDI BOSE
 
Banamarimwe b'umugambwe FNL,
Bakenyezi mukenyereye urugamba, 
Rwaruka mparaniragihugu rwa FNL, 
Ndongozi z'umugambwe FNL aho muri hose, 
Nshirwarimenetse za FNL aho muhagaze hose,
Namwe bakunzi b’umugambwe FNL,
 
Amahoro, imigisha n’uburinzi biva ku MANA yacu, Umuremyi w'ijuru n'isi bibane namwe kandi nidusangwe FNL umuhuza w'abarundi bose. Dufashe kano kanya kugira twifurize umwaka muhire w’i 2016 Abanamarimwe bose, indongozi n’ inshirwarimenetse ba FNL, incuti hamwe n’Abarundi bose.
 
Uyu mwaka wa 2016 tuwutanguye Abarundi benshi bari mu marira n'amaganya kubera ubwicanyi n’ububegito bw’ubutegetsi bwa cnddfdd ata kindi kiburaje ishinga atari ukwica, ugupfunga n'ugusinzikariza ubuzima beneburundi ariko twizere gose ko uzotubera umwaka wokogorora tukihanagura amarira.
 
Ivyipfuzo n’imigambi vy’umugambwe FNL ni uko dutegerezwa gukora ibishoboka vyose, umwe wese ico ashoboye kugira uyu mwaka tuwuronkemwo intsinzi itagabanije, twaharaniye imyaka n’imyaka. Tuboneyeho akaryo ko gushimira bivuye ku mutima abo bose bitanga batiziganya kugira umugambwe wacu FNL utere imbere.
 
Dushimiye ubwa mbere inshirwarimenetse za FNL zo zemera kwihanganira inzara, inyota, ubukene, kurara mw'ishamba nk’ibikoko batari babuze aho barara, ari kugira baharanire agateka, ukwishira n'ukwizana ku Murundi wese, atakuvangura amoko nk'uko bisigaye vyabaye ubuhizi ku banyepolitike bamwe bamwe. Abo nabo tubafata nk’abansi b'Uburundi kuko bateranya beneburundi, bakibagira yuko Uburundi bugizwe n’amoko atatu kandi ko dutegerezwa kububamwo twese nk’abavukana.
 
Dushimiye kandi indongozi n’Abanamarimwe hamwe n’incuti b’umugambwe FNL bagumye bafata mu mugongo inshirwarimenetse zacu mu gutanga batiziganya intererano z’uburyo bwose, yaba amafranga canke mu kugarukana mu ruhongore bene wacu batari bwatahure urugamba turimwo. Turabashimiye rero bivuye ku mutima kandi tunabasaba n’ubundi kwongereza inguvu muri uwu mwaka wa 2016 kuko ariwo mwaka twiteze intsinzi itagabanije.
 
Icipfuzo nya mukuru, nipfurije uwo wese akunda umugambwe FNL ni uko yobona iyo ntsinzi turindiranye igishika izodushitsa ku vyiza vyinshi twipfuza. Mu gihugu ciza c’ubutungane nyakuri, kirangwa n’amahoro n'amajambere kuri bose na hose, kizoba gitandukanye na kino gihe turimwo, aho tuzogira umunezero ukomeye, tukabona incuti n’abagenzi twatatanye ndetse tukanagandarira abacu twabuze muri kino gihe.
 
Reka mbere tubonereho akanya ko guhoza uwo wese amaze kubura uwiwe ahekuwe n’ibipfamutima vy'ibinywamaraso vya cnddfdd. Twifadikanije kandi nabo bose bariko barasinzikarizwa ubuzima mu busho bunyuranye bw’igihugu ataco bazira kiretse ivyiyumviro vyabo mu gihugu citirirwa demokrasi.
 
Turateye kandi ivyatsi ubwicanyi ndengerabutungane buriko burakorwa n’imbonerakure, igipolisi n'abasirikare bataye umutima w'ubuntu n'akaranga ku batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa cnddfdd, nayo abategetsi guhera kuwitwa ngo ni umukuru w’igihugu bakaba bashimye kuba ibiragi imbere yubwo bwicanyi bwagahomerabunwa kanatsinda ni bo babutuma.
 
Cnddfdd twowugereranya n’igisizimwe kuko ivyo ukora nta muntu ashobora kubisigura. Igisizimwe naco nta numwe azokubwira ati kimeze gutya. Gusa ico tuzi ni uko ngo kitigera gihaga. Na cnddfdd ni uko umeze. Uravye kuva ushika ku butegetsi muri 2005, na cane cane muri 2006 i Muyinga aho wasasika inganda zirenga 80 za FNL mw’ijoro rimwe gusa bagatabwa mu ruzi Ruvubu, ariko murabona na n'uno munsi nturahaga amaraso ya beneburundi. Ahubwo akayabagu kaguma kongerekana. Abafaransa barayamaze ngo: Akayabagu kaza uriko urafungura.
 
Ubwicanyi bwa cnddfdd nibwo bwatumye FNL isubira mw'ishamba mu 2010. Si mandat ya gatatu yatujanye mw'ishamba nk'uko benshi bagomba kudushira hamwe n’abarwanya ico kiringo ca gatatu ca Nkurunziza. Abo nabo ntibahunze ubutegetsi kubera ubwicanyi kuko muri ico gihe c’i 2006 bari muri ubwo butegetsi nyene, ariko ntaco bigeze bavuga. Hamwe Nkurunziza yova kwizimwe ryico kiringo, bobo baca bitahukira ataco binona. Mbere bakabandanya kwica inzirakarengane za FNL nkuko babirahiye muri Safisha.
 
Ico tuzi ni uko umunsi uri zina cndd-fdd izobibazwa kandi bamenye ko ubutungane buzosubizwa umutamana bugakora ata gitsure. Uwagirizwa icaha aje imbere ya sentare. Uwanyuruje umutungo w’igihugu awusubize kuko kudahana bizoba mu vyo tuzorwanya cane. Birateye isoni kumva uyu munsi Uburundi arico gihugu ca mbere gikenye mw'isi yose. Ariko ntikibuze ko habamwo abatunzi basumvya ubutunzi reta ku buryo budasiguritse na gato kandi mu kanya isase.  Ariko bamenye ko iminsi y’igisuma iraharuye.
 
Banamarimwe b'umugambwe FNL,
Bakenyezi mukenyereye urugamba, 
Rwaruka mparaniragihugu rwa FNL, 
Ndongozi z'umugambwe FNL aho muri hose, 
Nshirwarimenetse za FNL aho muhagaze hose,
Bakunzi b’umugambwe FNL,
Namwe Barundi mwese,
 
Umugambwe FNL wiyemeje kurengere amoko, intara, amadini n’ayandi macakubiri y’uburyo bwose. Dutegerezwa kumva ko Abarundi twese dutegerezwa kubana mu mahoro, tukagendera urukundo n’ubumwe mu bavukana. Abibaza ngo bazotwara Uburundi ubundi bwoko bwaraheze barihenda cane. Uburundi bugizwe n’amoko atatu: Abahutu, Abatutsi n’Abatwa kandi twese tubwirizwa kubana twubahana.  Uburundi butegerezwa gusubirana iteka n’itekane, igihugu c’amata n’ubuki, igihugu nyabagendwa, inzira zasivye zisiburwe, imigenderanire hagati y’abavukana co kimwe n’amakungu isubirane nk’uko tuvyifuza maze demokrasi nkezabuntu twaharaniye imyaka tuyijandajandemwo, dusezerere ubutegetsi bubi.
 
Ntitworangiza tutavuze ku bijanye n’inteko mpuzamakungu co kimwe n’ibiganiro hagati y’Abarundi. Abanamarimwe benshi baribaza bati mbe kazoza ka FNL ni akahe? Ndabatahura cane. Icatumye uno munsi FNL itaba mu biganiro n’uko amakungu yategetse ko hajayo imigambwe ya politike gusa itagira ibirwanisho. Bishitse naho FNL tugatumirwa, abaserukira abandi mu nzego zinyuranye bobanza kuvugana bakaraba nimba twobijamwo, bagapfundika ijambo nyamukuru twokwisunga muri ivyo biganiro.
 
Mu gihe rero muri ivyo biganiro biriko biraba  abafise ibirwanisho barakumiriwe, murumva ko atakizovayo kiretse amagaburanyama gusa. Ikindi naco turabe hirya no hino. Twibuke ivyabaye mu gihugu kibanyi mu 1994 aho inteko mpuzamakungu zitwa MINUAR zari zikwiye igihugu cose nayo abanyepolitike bari basigaye bibera i Arusha muri Tanzaniya ngo bari mu biganiro. None zarabujije ko abarwanya ubutegetsi b'ico gihugu bashika ku ntsinzi? Kandi bari mu biganiro. Ndabaremesheje kuko izo nteko ntaco zizohindura ku bikorwa umugambwe wacu FNL wiyemeje. 
 
Banamarimwe, mwabwiwe vyinshi, harageze aho musesangura mukibuka ivyo mwagiye mubwirwa vyose, maze mubone ko igihe co kuramukwa gishitse. Nta vyinshi twobivugako kuko ibimenyetso vy’ibihe bigaragara. « Bibwirwa benshi bikunva benevyo ». Umugambwe FNL uraremesheje Abarundi n’amakungu ko uriko ukora ibishoboka vyose kugira igihugu cacu kive mu ndyane kirimwo. Turangije kandi dusubira kubifuriza umwaka mwiza w’intsinzi.
 
IMANA IHANGAZE U BURUNDI N’ABARUNDI
 
Bigiriwe i Bujumbura kuwa 31 kigarama 2015
Ambassaderi Isidore NIBIZI
Umukuru w’Umugambwe FNL
 
Pour être informé des derniers articles, inscrivez vous :