Burundi : abantu 87 nibo bahitanywe n’imirwano yo kuwa gatanu
Abantu 87 nibo bishwe mu bitero vyabaye kuri uyu wa gatanu mu gisagara ca Bujumbura n'ahitwa Mujejuru ku birometero nka 30 mu buseruko bwa Bujumbura. Ku bw'itangazo ry'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, mu bateye hishwe 79 abandi 45 barafatwa hamwe n'inkoho zabo 97.
Ku ruhande rw'abajejwe umutekano, iryo tangazo ryasomwe n'umuvugizi wa gisirikare Colonel Gaspard Baratuza yavuze ko hapfuye abasirikare 4 n'abapolisi 4 nyene, hakomereka abasirikare 9 n'abapolisi 12. Itangazo ribandanya rivuga ko abateye bari ikompanyi n'ukuvuga abantu barenga 150. ''Umwanshi yatumbereye amakambi asanzwe acungerewe n'abasirikare b'igihugu afise intumbero yo kurondera ibikoresho vyo kurwana nk'amasase n'inkoho'', nk'uko itangazo ribandanya rivuga.
Hatewe ishure rikuru rya gisirikare ISCAM n'ikambi ya BASE ku Musaga mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura na Ngagara mu buraruko. Itangazo rivuga ko ''igice c'abagerageje gutera ikambi yo mu Ngagara bikabata ku wa mazi baciye bahungira kw'i Jabe na Nyakabiga aho abajejwe umutekano babakurikiranye umwanshi akahatakariza vyinshi''. Itangazo rivuga ko ''muri iki gihe ibikorwa vyo kubakurikirana vyarangiye''.
Iryo tangazo ntirivuga niba abo bishwe ari abateye mu gisagara ca Bujumbura gusa canke niba n'i Mujejuru hari abahaguye. Ntirinavuga niba 150 bateye ari bose hamwe. Mu Nyakabiga mu gitondo igipolisi n'abajejwe intwaro bazindutse baregeranya ibiziga ku mabarabara no mu mpangu aho biciwe. Abanyamakuru baharuye nibura ibiziga 21 aho mu Nyakabiga. Ababa muri iyo quartier bavuga ko abapolisi hari abo basanze mu mpangu bavuga ngo baje kurondera abarwanyi.
No ku Musaga ibiziga vyazindutse biregeranywa. Hagati y'ibarabara rya 9 na 12 mu Kinanira, abajejwe intwaro batubwiye ko hishwe abantu nibura 9. N'ubwa mbere hapfuye abantu bangana gutyo ku munsi umwe kuva hatanguye intureka n'uruhagarara mu gisagara ca Bujumbura rwatanguranye mu mpera z'ukwezi kwa kane n'impari za politike zijanye n'ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza.
Gushika ubu hahora haharurwa ko hamaze kwicwa abantu barenga amajana abiri; ku munsi umwe gusa, igitigiri giciye gishika hafi ku 300. Mu gice kinini c'igisagara ubuzima bwari bwasubiye kumera nk'ubusanzwe hari uruja n'uruza rw'abantu n'imodoka bitandukanye n'umunsi w'ejo ku wa gatanu. Ariko igice kinini ca Musaga usubiza mu buseruko nta ruja n'uruza rwari ruhari. Ibarabara rikuru RN7 rihaca rija mu buseruko bushira ubumanuko bw'igihugu ntiryahita.
Igituro c'imiduga ifata iyo nzira cagaragara, nta zamanuka canke ngo ziduge. Ku wa gatanu mu gitondo hari ibitero vyazindutse bigabwa ku makambi ya gisirikare aho ku Musaga no mu Ngagara mu buraruko bw'igisagara.
Inkuru ya BBC Gahuza