Burundi : Umukuru w’igihugu yagenye Reta nshasha
Inyuma y’iminsi ine arahiriye kurongora Uburundi,umukuru w’igihugu yagenye Reta nshasha kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu 100/02 ryo kuwa 24 Myandagaro 2015 rigena abashikiranganji bashasha.
Pascal Barandagiye yahora arongoye ubushikiranganji bw’ubutungane yagenwe kuba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu,asubiriye Edouard Nduwimana ubu ari icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka.
Alain Guillaume Bunyoni yagenwe kuba umushikiranganji w’umutekano, Alain Aime Nyamitwe yagumye mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Tabu Abdallah Manirakiza yagumye mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta, Emmanuel Ntahomvukiye nawe yagumye mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi.
Abandi bagenwe ni :
Eric Mporerimana yagenwe kuba umushikiranganji w’abakozi n’akazi, Nestor Bankumukunzi yagenwe kuba umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru, Come Manirakiza yagumye mu bushikiranganji bw’ubutare n’agataka, Gelase Niyonkuru yagenwe kuba umushikiranganji w’ubudandaji.
Emmanuel Niyonkuru yagenwe kuba umushikiranganji w’amazi n’ibidukikije, Deo Guide Rurema umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Jean Bosco Hitimana yagenwe kuba umushikirangaji w’inkino urwaruka n’imicokama, Janviere Ndirahisha yagenwe kuba umushikiranganji w’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, Martin Nivyabandi nawe agenwa kuba umushikiranagnji w’agateka ka zina muntu.
Umushikiranganji w’amagara y’abantu ni Josiane Nijimbere, umushikiranganji ajejwe iterambere ry’amakomine ni Jeanne d’Arc Kagayo, umushikiranagi w’ubutungane ni Aime Lorentine Kanyana, umushikiranganji w’intwaro ibereye ni Serges Ndayiragije, Umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu ni Jean bosco Ntunzwenimana. umushikiranganji ajejwe akarere ka Afrika y’Ubuseruko ni Leontine Nzeyimana, umushikiranganji w’ubudandaji n’amahinguriro ni Pelate Niyonkuru.
Igihe mu kirundi