Itangazo ry’ishyaka FNL ku ngorane za politiki mu gihugu cy’u Burundi (Kirundi/Français)
Umugambwe FNl ntiwigeze uhengeshanya kwerekana intwaro y’igitugu ya Petero Nkurunziza n’ingene yananiwe n’umugambi woguhuza abarundi kugira igihugu kigire amahoro n’umutekano.
Kuva aho ubutegetsi bwa Nkurunziza bushakiye guhindura ibwirizwanshingiro kugira atsimbatare kubutegetsi, Abarundi bigatuma biha amabarabara, barerekanye ko bashigikiye ivyiyunviro vya FNL muguharanira ubwiyunge bw’Abarundi no kurwanya akarenganyo aho gaturuka hose.
Umugambwe FNL uragabishije uwariwe wese azoshaka guhonyanga amasezerano y’i Arusha n’ibwirizwanshingiro ry’u Burundi kunyungu z’umuntu umwe.
Umugambwe FNL ashimye kwerekana amanyanga y’uburyarya n’uburyarya bwa jenerali Niyombare Godefroid mu mukino bita ngo impinduka z’ubutegetsi (coup d’état), kandi ari igihuhusi co gusinziriza abarundi n’amakungu vyateguwe numugambwe cndd-fdd kugira bakure Nkurunziza mukabarerwa mu nama y’ibihugu vya karere yaritegekanijwe kuruwo wa 13/05/2015 muri tanzaniya hamwe nokugira basinzirize abagira imyiyerekano yo kwiyamiriza manda ya 3 ya Nkurunziza. Kandi barabishitseko vyose mbere baboneraho n’akaryo ko kuzimya amaradiyo yakoreshwa n’abiyamiriza manda ya 3 ya Nkurunziza.
Birateye isoni gufata Abarundi bose nk’ibijuju. Ni gute jenerali yogira impinduka, kandi ashigikiwe n’isinzi ry’abandi bajenerali bo mugisirikare n’igipolisi yoja gutangaza ku maradiyo yigenga ko agize impinduka mugihe atarafata ibintu bitatu bahambaye mu gihugu aribi : iradiyo na televiziyo vy’igihugu, ibiro vy’umukuru w’igihugu n’ikibuga c’indege mpuzamakungu. Ikirimba ni ibisanzwe.
Abarundi bareka guhendwa nivyo bikanganyoni ngo ni impinduka. Ese naho vyarigushika Niyombari akaja kubutegetsi, ntawuvuga ko ari impinduka kuko ni amayeri akozwe na cndd-fdd kugira bavyure umugambwe wabo warugeze ahatemba. None ntabandi bajenerali bavuye muyindi migambwe bari bashoboye gutwara.
Kugira rero u Burundi buve mukaga burimwo, umugambwe FNL uratanga inzira zibiri zishoboka :
-
Nuko haza inteko mpuzamakungu z’abasoda kugira bake ibirwanisho imbonerakure kandi hategurwe ibiganiro vyihuta hagati yaberwa na politike bose kugira hategurwe amatora nyakuri ahurikiyemwo bose
-
Canke hakoreshwe inguvu za gisirika. Biragaragara ko imbonerakure zitarota zishira hasi ibirwanisho ku neza hatabaye izindi nguvu zibemeza kubishira hasi.
Turahamagariye rero abanyepolitike bose b’Abarundi ko boja hamwe bagashinga leta y’infata kibanza, hamwe n’inzego nshasha zijejwe amatora nyezina yukuri.
Kubwiyo mpanvu, umugambwe FNL asavye inzego z’igisirikare n’igipolisi ko ataho bokwegamira, bakingire abanyagihugu n’ivyabo.
umugambwe FNL urateye akamo amakungu yuko batosamazwa nivyo bivurwa vy’impinduka, kandi itabaho ahubwo bihutire gushira mungiro irungikwa ry’inteko mpuzamakungu kugira bagarukane umutekano, hategurwe amatora nyakuri.
Bigiriwe i Bujumbura, le 15/05/2015
Isidore NIBIZI
Umukuru w’umugambwe FNL (sé)
DECLARATION SUR LA CRISE POLITIQUE AU BURUNDI
Le parti FNL n’a jamais cessé de condamner la dictature de Monsieur NKURUNZIZA et sa faillite par rapport au rassemblement des Burundais pour bâtir une nation prospère.
Les récentes manifestations que contestait la légitimité de son pouvoir par le changement de la constitution l’ont prouvé la volonté du peuple à adhérer à notre projet politique de rassembler les Burundais et de lutter contre les injustices quelle que soit leur provenance.
Le parti FNL met en garde toute personne qui veut violer les accords d’Arusha et la constitution Burundaise.
Le parti FNL se permet de dévoiler la manœuvre mensongère du pseudo-putsch du général Niyombare Godefroid, alors que c’était un ouragan de diversion pure et simple, conçue dans le laboratoire du cndd-fdd pour sauver la personne de Nkurunziza lors du sommet des pays de la région du 13/05/2015 en Tanzanie et d’endormir les manifestants contre le 3ème mandat de Nkurunziza. Et ils ont bien gagné, non seulement pour relever leur parti, mais aussi pour anéantir l’opposition au 3eme mandat en détruisant même les radios qu’utilisaient les contestateurs.
C’est de l’ignominie de considérer tout le peuple burundais de naïveté. Comment un général putschiste qui se dit soutenu par une amalgame des officiels de l’armée et de la police, qui s’autoproclame à travers des radios privés tant qu’il n’ait pas encore mis les mains sur les trois points stratégiques tels que la radiotélévision nationale, la présidence de la République et l’aéroport international.
Que le peuple burundais ne se laisse pas emporter par cette manœuvre du pseudo-putsch. Et même si ce coup serait réel, on ne dira pas que c’est coup d’état alors que c’est un arrangement au sein du cndd-fdd pour sauver son parti en dérive.
Pour sortir de la crise burundaise, le parti FNL propose deux scénarios possibles:
-
Soit l’intervention d’une force étrangère pour le désarmement de la milice imbonerakure et concomitamment en organisant une conférence de toutes les forces vives de la nation dans le but de préparer les élections libres, apaisées, transparentes et inclusives.
-
Soit par l’usage de force. Nul ne peut contraindre la milice du cndd-fdd de désarmer volontairement si ce n’est que par la force.
Nous invitons toutes les forces vives de la nation Burundaise de se mettre autour d’une table et négocier la transition pour mettre en place une nouvelle organisation électorale, pluraliste, transparente et inclusive.
A Cet effet, nous demandons à l’armée et à la police de reste neutre, de maintenir l’ordre public et la sécurité des biens et des personnes.
Pour ce faire, le parti FNL interpelle la communauté internationale de ne pas se laisser faire par cette diversion d’un putsch alors qu’il n’en est pas un et d’intervenir sans tarder pour réaliser le premier scénario de déployer une force d’interposition.
Fait à Bujumbura, le 15/05/2015
Isidore NIBIZI (sé)
Président