Burundi : Haravugwa ko Nkurunziza yahiritswe kubutegetsi
Akanama kiyise Comité de restauration de la concorde nationale, kavuze ko kakuyeho umukuru w'u Burundi Pierre Nkurunziza ubu wari wagiye muri Tanzania mu nama yari yateguwe n'umuryango w'ibihugu byo muri Afrika y'uburasirazuba ku kibazo cy'u Burundi.
Mw'ijambo ryavuzwe na General Major Godefroid Niyombare, ako kanama ngo kafashe iyo ngingo kuko Prezida Nkurunziza yanyuranije n'itegeko nshinga agashaka kwiyamamaza ku mwanya w'umukuru w'igihugu inshuro ya gatatu.
Aka kanama kagizwe na General Major Godefroid Niyombare (perezida), General Major Cyrille Ndayirukiye, General Sylvere Habarugira, Colonel Leonard Ngendakumana, Commissaire de Police Zenon Ndabaneze na Commissaire de Police Nimenya.
Kuva aho ayo makuru amenyekaniye biciye ku maradio yigenga y'i Bujumbura, abanyagihugu bahise bajya mu murwa mukuru kwishimira ibibaye.
BBC