Burundi : CENI yahawe iminsi itanu kugira ihindure ikirangaminsi ca matora

Publié le par veritas

Burundi : CENI yahawe iminsi itanu kugira ihindure ikirangaminsi ca matora
Inama nkuru y’abepiskopi katolika bo mu Burundi baragabisha kuzokura abarorerezi babo b’amatora mu ntara no mu ma komine niyo umurwi w’igenga utegura amatora(CENI) utemeye kwigiza inyuma ikirangaminsi c’amatora.
 
Mu gihe abarundi ndetse n’amakungu badasiba kwerekana ko icuka kiri mu Burundi kidashobora korohereza abashaka kuja mu myiyamamazo y’amatora kuko ibigize amatora meza bidakwiye mu Burundi, Inama nkuru y’abepiskopi katolika bo mu Burundi bo baragabisha CENI ko niyo itaba yahinduye ikirangaminsi c’amatora mu kiringo c’iminsi itanu ngo ibe yamenyesheje abarundi n’amakungu ko amatora yigijwe inyuma, iyo nama nkuru y’abasenyeri bagiye kuzokura abarorerezi babo b’amatora bari barungitse mu ntara no mu ma komine.
 
Mu kamenya ko n’ishirahamwe COSOME yishinze gukurikirana amatora mu Burundi riramenyesha naryo ko ryahagaritse kuzorongika abarorerezi mu matora yimirije kuko umutekano utifashe neza mu gihugu.
 
Aho twobibutse ko ibihugu nk’ububirigi, ubu Hollande n’ubu Suisse vyamaze kumenyesha ko buhagaritse imfashanyo bahora baha u Burundi mu bijanye n’amatora, aho benshi bari batanguye kugira amakenga ko amatora atazohava ashoboka mu Burundi. Umuvugizi w’umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora CENI we akaba yarahumurije abarundi ko amatora azoba ukuri kwamye kandi ko n’ikirangaminsi kizokubahirizwa.
 
inkuru:igihe.bi
Pour être informé des derniers articles, inscrivez vous :