Rwanda : Ese RNC ni imwe cyangwa ni ebyiri ? Ari Théogène Rudasingwa, ari na Condo Gervais ni nde uvuga ukuri ?
Kanda hejuru kuri iyi foto wumve uko Rudasingwa asobanura kuri BBC Gahuza impamvu ihuriro RNC ryacitsemo 2
Abahoze bagize umurwi nyobozi wa RNC, bemeza ko RNC yari isigaye ifise agatsiko k'abantu bahoze mu gisirikare c'Urwanda b'abatutsi, bakora nk'abafise ubutegetsi bubangabanganywe n'ubwo inzego za RNC zizwi n'amategeko, bakorana na Kayumba Nyamwasa.
Theogene Rudasingwa, aremeza ko iryo koreshwa ry'agatsiko arega Kayumba ari kimwe mu vy' ingenzi vyatumye akuramwo akarenge na bamwe mu bo bari basanganywe muri RNC. Mu bari kumwe na Theogene Rudasingwa muri New RNC, harimwo Jonathan Musonera, Joseph Ngarambe, avuga ko bari mu bo batanguranye kuva mu 2010.
Iryo shami risha New RNC, ngo rizotangaza inzego n'uburyo ryubatse mu kiringo c'iminsi 30. Ariko umuvugizi wa RNC, Condo Gervais, arahakana ko hari ibice muri RNC, agasobanura ko ikibazo kihari ari ico kwubahiriza amategeko.
Umva Gervais Condo uko asobanura ko muri RNC nta bice bibiri byacitsemo ko ahubwo ari Rudasingwa wayivuyemo!o gusa!
Arabeshuza ikibazo c'uko hoba harimwo agatsiko k'abahoze ari abasirikare gashigikiye Kayumba, kagenda gateza ibibazo mw'ihuriro RNC, ahubwo akemeza ko hari ikibazo co kubahiriza demokarasi kuri Rudasingwa. Condo Gervais avuga ko bariko bihweza ikibazo co gusubiriza inzego zo muri 2014 zari zirangije ikiringo cazo.
Condo Gervais yongeye gushimangira ko ata kwicamwo ibice kwabaye muri RNC, akemeza ko muri biro nyobozi bigizwe n'abantu batanu: Kayumba Nyamwasa, Theogene Rudasingwa, Nayigiziki, Condo Gervais na Emmanuel Hakizimana, hamwe na Corneille Minani, ngo Rudasingwa niwe wenyene yavuyemwo.
Nayo mu bahuzabikorwa, Condo yemeza ko uwumaze kumenyekana ko yavuyemwo ari Jonathan Musonera.
Source : BBC Gahuza