Burundi : Nubwo nyuma y’imyaka 22 ubutabera bwibagiwe Melchior Ndadaye, abarundi bo baracyamwibuka !
Publicité
[Ndlr : Kuri iyi taliki ya 21/10/2015 niho igihugu cy’u Burundi ndetse n’Afurika yose bibuka imyaka 22 Perezida Melchior Ndadaye wari umaze amezi 3 gusa atowe i Burundi yishwe urupfu rw’agashinyaguro. Igikomeje kubabaza abarundi benshi n’abakunzi ba demokarasi ni uko abishe Ndadaye kugeza ubu nta numwe uragezwa imbere y’ubutabera ngo abazwe amahano yakoze, nyamara abagize uruhare mu rupfu rwe bose barazwi. Impamvu y’uko guceceka iterwa n’ubwoba leta y’u Burundi ifitiye Paul Kagame perezida w’u Rwanda kuko ariwe wayoboye iyicwa rya Ndadaye ubu akaba ari perezida w’u Rwanda ! Mu gihe FPR Inkotanyi yarwanaga intambara y’ikinyeshyamba mu Rwanda ivuye muri Uganda, yanyuzaga kandi igatoreza abarwanyi bayo mu gihugu cy’u Burundi ibifashijwemo na perezida w’umututsi Pierre Buyoya.
Uyu musi, Ndamwibuka Ndadaye niruka kwibarabara, nja kumuraba yaje kwiyamamaza, ndibuka umweru n'urwatsi rubisi hamwe n'Isake izirya zose. Ndibuka Nkubitwa inkoni bukeye kubera nagiye kuraba Ndadaye,....ndacababara mumutima,... Ndibuka aja kubutegetsi, ndibuka umunezero wari uhari Ndibuka abakeba banjingiswe, ndibuka umuporona umwe amena iradiyo yiwe ngo ntiyokwunviriza Igikere kivugira kw'iradiyo yiwe,..... Ndibuka, umugabo umwe yishongora atashe iwe avuga ngo «Kabe gato kabe agatutsi, kabe agapfupfuguru, kabe agatutsi,....»
Ndibuka hazindutse igipfunggu cinshi caane, ntiwabona n'uwuri kumetero zitanu, Ndibuka yuko umusi wari utekereje, ataninyoni ikoma,.... Ndibuka, nunva kwiradiyo, Minani Yohani avuga, avugira kw'iradiyo yo mu Rwanda: «...Mube maso,...Muhagarare bwuma,...ntibasubire kubasobanura,....» Ndibuka abantu bagira uturwi-turwi, bavugana ibiriko biraba, canke barondera uwobaha umuco kubiriko bibera i Bujumbura,..... Ndibukako umuporona w'umwarimu yaje azanye igipanga kwishure, aririmbisha abana ngo «Igipanga niciza,.....aho mama Inka» akizungagiza hejuru y'imitwe y'abana baba Hutu,..... Ndibuka Ngeze avuga ijambo kwariwe arongoye i Gihugu....ndibuka bavuga yuko kizira kugira uturwi, canke gukorana abantu barenga batatu,.....
Ndibuka havuga uturirimbo tw'umubabaro kwiradiyo y'Igihugu: shalom,..amahoro kubari hafi, kubari kure; etc. ndibuka havuga utuziki tw'ikigandaro.... Ndibuka ubwoba bwadutekeye, Imitima isimba, abavyeyi bataronka ukwo babidusigurira, abagabo: ubwanwa bwafutse umunwa, ndibuka mama afata ishapule yiwe, adusaba dusenge, ndibuka tuvuga irozali yose hamwe n'ababanyi,.....
Ndibuka, nunva urwamo hirya no hino, ndibuka nunva inkoho ziturika kw'ikomine..... Ndibuka ivyakwirikiye yuko biteye umubabaro, ndibuka nunva ngo naka yitavye Imana,....Ndibuka, ego, ndavyibuka,...... NDIBUKA, nivyo nkubitizako agahinda kagahindira mumutima, kuko nipfuza Amahoro, Umutekano, Ubumwe, NTIBIGASUBIRE mugihugu cacu c'Uburundi..... NDIBUKA,....... S.H., mu 1993 nari mumashure y'intango, Ndandaye amaze kugandagurwa, naciye nguma nkerakera gushika njabutse umupaka mpungira muri Tanzaniya mu 1996. Igihugu c'Uburundi nagisubiyemwo kuntwaro ya CNDD-FDD. Ndasubira ndisanzura, nunva amahoro n'umutekano,... nico gituma mparanira amahoro, ubumwe n'Umutekano kuri bose. Uwuzoshaka kudusubiza mwihumbi sinzokwigera ndamwihanganira...
Abo barwanyi FPR inkotanyi yabakuraga mu bihugu bya Congo, u Rwanda n’u Burundi. Ndadaye amaze gutsinda amatora i Burundi kandi ari n’umuperezida w’umuhutu, byabaye ngombwa ko Paul Kagame afatanyije n’intagondwa z’abatutsi i Burundi bateguye igikorwa cyo kumwica kuko yari kubabangamira mu gikorwa cyo gufata u Rwanda ; ingaruka z’ubwo bwicanyi nanizo nanubu zigikomeje kwigaragaza mu karere, ariko abana b’abarundi bariho icyo gihe, ubu bakaba barabaye abagabo, ntibibagiwe urupfu rwa Ndadaye n’ubwo ubutabera bwo bwarwibagiwe ! Dore uko umurundi yibuka urupfu rwa Melchior Ndadaye] :
BURUNDI: IRYAVUZWE RIRATAHA....
Ndibuka, umuhisi-mukuru w'igihugu, Nyakwigendera Melchior Ndandaye, Incungu ya démokarasi. Ndibuka iyi taliki, aho bamufata, abarundi turi mumaganya, tutazi ayo ducira nayo tumira. Bene gutegura ubwo bubisha hamwe n'Imiryango yabo yari yabaze ibimasa, bahogoroye inzarwa, ubusyano buriko bubira,....
Ndibuka Mama aduhamagara ngo tugaruke muhira, twari tugiye kwishure. Aho kwishure hari hagiyeyo abanyeshure baba Hutu gusa, abana b'abatutsi bari babizi ibiza kuba, bigumiye muhira iwabo, bakora imisi mikuru,.... Ndibuka umubanyi (umuporona) hafi yicara kwibuye imbere y'inzu avuza Inanga ngo «Ca Gikere capfuye,....»
Ndibuka hazindutse igipfunggu cinshi caane, ntiwabona n'uwuri kumetero zitanu, Ndibuka yuko umusi wari utekereje, ataninyoni ikoma,.... Ndibuka, nunva kwiradiyo, Minani Yohani avuga, avugira kw'iradiyo yo mu Rwanda: «...Mube maso,...Muhagarare bwuma,...ntibasubire kubasobanura,....» Ndibuka abantu bagira uturwi-turwi, bavugana ibiriko biraba, canke barondera uwobaha umuco kubiriko bibera i Bujumbura,..... Ndibukako umuporona w'umwarimu yaje azanye igipanga kwishure, aririmbisha abana ngo «Igipanga niciza,.....aho mama Inka» akizungagiza hejuru y'imitwe y'abana baba Hutu,..... Ndibuka Ngeze avuga ijambo kwariwe arongoye i Gihugu....ndibuka bavuga yuko kizira kugira uturwi, canke gukorana abantu barenga batatu,.....Ndibuka havuga uturirimbo tw'umubabaro kwiradiyo y'Igihugu: shalom,..amahoro kubari hafi, kubari kure; etc. ndibuka havuga utuziki tw'ikigandaro.... Ndibuka ubwoba bwadutekeye, Imitima isimba, abavyeyi bataronka ukwo babidusigurira, abagabo: ubwanwa bwafutse umunwa, ndibuka mama afata ishapule yiwe, adusaba dusenge, ndibuka tuvuga irozali yose hamwe n'ababanyi,.....
Ndibuka, nunva urwamo hirya no hino, ndibuka nunva inkoho ziturika kw'ikomine..... Ndibuka ivyakwirikiye yuko biteye umubabaro, ndibuka nunva ngo naka yitavye Imana,....Ndibuka, ego, ndavyibuka,...... NDIBUKA, nivyo nkubitizako agahinda kagahindira mumutima, kuko nipfuza Amahoro, Umutekano, Ubumwe, NTIBIGASUBIRE mugihugu cacu c'Uburundi..... NDIBUKA,....... S.H., mu 1993 nari mumashure y'intango, Ndandaye amaze kugandagurwa, naciye nguma nkerakera gushika njabutse umupaka mpungira muri Tanzaniya mu 1996. Igihugu c'Uburundi nagisubiyemwo kuntwaro ya CNDD-FDD. Ndasubira ndisanzura, nunva amahoro n'umutekano,... nico gituma mparanira amahoro, ubumwe n'Umutekano kuri bose. Uwuzoshaka kudusubiza mwihumbi sinzokwigera ndamwihanganira...Sympholine Hakizimana
Umusomyi wa veritasinfo
