Burundi: Uwahora ajejwe umutekano wa Général Major Godefroid Niyombare yanyurujwe

Publié le par veritas

Burundi: Uwahora ajejwe umutekano wa Général Major Godefroid Niyombare yanyurujwe

Evariste Nkuyehasi, intwazangabo yo kw’ipete rya Capitaine, yahoze ajejwe umutekano wa Général Major Godefroid Niyombare, yanyurujwe. Abamutwaye bamusanze aho yari kuri Cercle Nautique.

Capitaine Evariste Nkuyehasi yahoze ajejwe umutekano wa Général Major Godefroid Niyombare yanyurujwe n’abantu bari bambaye impuzu za gisirikare, bakaba bamusanze kuri Cercle Nautique, ari mu muduga wa Général Major Godefroid Niyombare, yahoze arongoye urwego rw’igendereza, imbere y’uko akomborwa bivuye ku rwandiko yandikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amuhanura kudasubira kwitoza mu kiringo ca gatatu.
 
Ayo makuru y’inyuruzwa rya Capitaine Evariste Nkuyehasi aremezwa na Général Major Godefroid Niyombare, akamenyesha ko n’uwo muduga yarimwo ari uwiwe, kuko yari yawumutije haraheze iminsi ibiri. Général Major Godefroid Niyombare ntahakana ko abanyuruje Capitaine Evariste Nkuyehasi bariko barondera we, akamenyesha ko yamaze kumenya aho uwo yahora amucungerera umutekano yajanywe, ariko akaba atashimye gushika ubu kuhavuga.
 
Mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha ko Capitaine Evariste Nkuyehasi atanyurujwe, kuko yari asanzwe afise umutahe umurondera. Colonel Gaspard Baratuza asigura ko Capitaine Evariste Nkuyehasi yahagaritswe kuko afise ivyo abazwa, kandi ko batamwitiranije na Général Major Godefroid Niyombare kuko n’uugusa badasa.
 
Igihe.bi
Pour être informé des derniers articles, inscrivez vous :