Burundi : CNARED yashyize ahagaraga abagize ubuyobozi bwayo.
Inama y’igihugu ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro ry’igihugu, amasezerano ya Arusha n’intwaro ishingiye ku mategeko CNARED yasohoye inzego zayo, ibicishije mw’itangazo no2/2015 ryo kuwa 20 Myandagaro ryateweko umukono n’umukuru w’inama Leonard Nyangoma.
Nkuko vyashikirijwe na Jeremie Minani asanzwe arongoye umurwi wo kumenyesha amakuru mu runani CNARED, umukuru w’iyo nama ni Leonard Nyangoma, icegera ciwe ca mbere ni umushingwamanza Francois Nyamoya, icegera ciwe ca kabiri ni Onesime Nduwimana yahoze avugira umugambwe CNDD FDD.
Umunyamabanga nshingwabikorwa ni Pacifique Nininahazwe, icegera ciwe ni Frederic Bamvuginyumvira icegera c’umugambwe Frodebu. Izindi nzego zihuriye mu mirwi iyo nayo ikaba igizwe n’imirwi ijejwe ibice bitandukanye : Umurwi uraba ibijanye na politike n’umugambi w’amahoro no kumenyekanisha urwo runani hagati mu gihugu urongowe na Bernard Busokoza,umurwi ujejwe imigenderanire urongowe na Gervais Rufyikiri.
Iyindi mirwi ni umurwi ujejwe umutekano urongowe na Alexis Sinduhije (ndlr: ku ifoto), umurwi ujejwe ubutunzi urongowe na Eupfrasie Bigirimana ,umurwi ujejwe kumenyesha amakuu urongowe na Jeremie Minani,umurwi ujejwe agateka ka zinamuntu,ubutungane no gufatana mu nda urongowe na Vital Nshimirimana. Abahanuzi ni abahoze barongoye igihugu, abahoze barongoye inama nshingamateka,umukuru w’inama nshingamateka Piyo Ntavyohanyuma . Umuvugizi w’urwo runani ni Chovineau Murwengezo,icegera ciwe akaba Pancras Cimpaye.
Igihe mukirundi