Kongo yafashe abashaka gutera mu Burundi
Aba ni abasore b'abarundi bafatanywe intwaro ahitwa Kinanira ku cyumweru taliki ya 10/01/2016, bavuga ko imyitozo ya gisilikare bayiherewe mu Rwanda.
Abajejwe intwaro muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo bavuga ko bafashe abantu mu nkambi ya Lusenda bashaka kwinjiza impunzi mu migwi y'abarwanyi.
Iyo nkambi iri mu karere ka Ruzizi muri Kivu y'epfo, icumbikiye impunzi z'Abarundi baheruka guhunga imvururu zatanguye mu kwezi kwa kane mu mwaka uheze. Igisirikare ca Kongo kivuga ko kimaze gufata abashika ku 35, bari bafise amakarata y'itora yo muri Kongo, yari kubafasha kurengana nk'abanye Kongo kandi ari Abarundi.
Ico gisirikare kandi kivuga ko ibikorwa vyo kubarondera bibandanya, ejo hakaba harafashwe abandi batatu. Ngo intumbero y'abo n'ukuja kugaba ibitero mu Burundi. Si ubwa mbere ikibazo c'impunzi z'Abarundi zinjizwa mu migwi y'abarwanyi igamije gutera u Burundi kivugwa.
Ishirahamwe Refugees International mu mpera z'umwaka uheze, ryasohoye icegeranyo aho ryemanze ko impunzi z'Abarundi ziri mu nkambi ya Mahama mu gihugu c'u Rwanda, zinjizwa ku nguvu mu mugwi witegurira gutera u Burundi. Ariko leta y'u Rwanda yarahakanye ayo makuru.
Source : BBC Gahuza