Burundi :Agathon Rwasa: 'sentare yakoze 'putch''

Publié le par veritas

Agathon Rwasa

Agathon Rwasa

Agathon Rwasa, yemeza ko iyo sentare yafuse ibwirizwa nshingiro, yafuse n'amasezerano ya Arusha. Avuga ko abakenguzamateka bituye iyo sentare yubahiriza ibwirizwa nshigniro, bitanganije kubikora, mu gihe izindi nzengo nk'umukuru w'inama nshingamateka canke umukuru w'inama nkenguzamateka batari bwashingishe urubanza.
 
Ndetse ngo na perezida Petero Nkuruzinza ubwiwe babikoze atarashikiriza dossier imbere y'akanama kajejwe amatora. Ikindi Agathon Rwasa avuga n'uko ngo vyibonekeza ko abagize iyo sentare betewe ubwoba, kubera icegera c'umukuru w'iyo sentare yataye akomoka. Uyu munya politike ari mu bashaka kwitoza, avuga ko urubanza rwaciwe n'iyo sentare abatemera ikiringo ca gatatu ca perezida Nkurunziza, barugaye.
 
Ahasigaye ngo bizeye abanyagihugu n'ubwo iyo ngingo yashikirijwe uno munsi idashobora kwungururizwa. Iyo ngingo ya sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yashikirijwe mu gihe icegera cayo yari yaraye yumvikanye kuri radio, avuga ko yahunze igihugu kubera guterwa ubwoba. Sylvere Nimpagaritse, yabwiye Radio y'abafaransa RFI ko yahunze amaze kubona abo bari kumwe muri iyo sentare bamushizeko agahato ngo yemeze ko perezida Nkurunziza ashobora kwitoza.
 
Avuga ubwa mbere bane mu bacamanza 7 bagize iyo sentare bari ku ruhande ko manda ya gatatu ya perezida Nkurunziza idahuye n'ibwirizwa nshingiro, mu gihe abandi batatu bo bayemera. Bagenzi we batatu avuga ko bahavuye bahindura aho bahagaze bamaze gushirwako igitutu n'abari bashigikiye ko perezida Nkurunziza yongera kwitoza.
 
Ngo yahisemwo guhunga kuko ubuzima bwiwe bwari bugeramiwe, ndetse n' ubwo umuryango wiwe, kuko yanse kushira umukono ku cemezo yabona ko giciye ku ruhande y' ibwiriza nshingiro.
 
BBC Gahunza
Pour être informé des derniers articles, inscrivez vous :