Afurika Yarahiriye Guhagarika Ubwicanyi mu Burundi

Umuryango w’Ubumwe bwa Afurika umenyesha ko wifatanije n’amakungu utazobandanya kwicara ngo ureke ubwicanyi n’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu bibandanye mu Burundi.
Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa mbere na Erastus Mwencha, icegera c’uwurongoye Komisiyo y’Ubumwe bwa Afrika mu kiganiro yahaye ijwi rya Amerika. Mwencha amenyesha ko inteko zicungera amahoro zemejwe ku musi wa gatanu n’akanama kajejwe amahoro n’umutekano k’Ubumwe bwa Afrika kurungikwa mu Burundi zigamije kuburizamwo bwicanyi kubandanya kimwe no gukingira umutekano w'abanyagihugu.
Mwencha abivuze inyuma yaho avuga ko bumvise ko reta y’Uburundi ku musi w’Imana yatangaje ko itazokwemerera izo nteko z’Ubumwe bwa Afrika kubutaka bwayo.
Inkuru ya BBC Gahuza yo agaragaza ko abashingamateka b'u Burundi bateye hejuru iki cyemezo cy'umuryango w'ubumwe bw'Afurika
/http%3A%2F%2Fburundi-24.com%2Fsites%2Fdefault%2Ffiles%2Fstyles%2Flarge%2Fpublic%2Fpictures%2FNouvelArticle%2FPascal%20Nyabenda.jpg%3Fitok%3DqP4Dn1dD)
Bitegekanijwe ko baharira ku bibazo bitatu, ico kumenya nimba mu Burundi ubu hariko haraba genocide, iriko igirwa na bande n’uko muri kino gihe genocide ishoboka mu Burundi. Abashingamateka baraza kandi gushikiriza ico bibaza kw’irungikwa ry’inteko mpuzamakungu mu Burundi, n’ico ababaserukira babatumye kuri ico kibazo. Reta ivuga ko ku mitumba 2913, amakaritye 5 gusa ari yo afise umutekano muke.

Hari n’abashikirije ko uko gukorana kw’inama nshingamateka na nkenguzamateka bidakurikije amategeko, abandi basaba ko reta yokwumviriza abafise akababakiye bose kugira ubwicanyi buhagarare. Mu ndwi iheze, akanama kajejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bya Afrika UA, kemeje kurungika abasirikare 5,000 mu Burundi, gukinga ko hoba genocide.
Source: voa na BBC Gahuza