Burundi : Ubutumwa bwerekana aho umugambwe FNL uhagaze muri ibi bihe bikomeye igihugu kiriko kiracamwo.

Publié le par veritas

Burundi : Ubutumwa bwerekana aho umugambwe FNL uhagaze muri ibi bihe bikomeye igihugu kiriko kiracamwo.
Banamarimwe, 
Bakenyezi mukenyereye urugamba, 
Rwaruka mparaniragihugu, 
Namwe ncuti n'abakunzi b'umugambwe FNL
 
Twipfuje kubanza kubaramutsa tubipfuriza kugira iteka n'itekane, muroranirwe mu banyu no mu vyanyu aho muri hose kandi amahoro n’imigisha biva ku MWAMI wacu Yesu Kristo bibane namwe mwese. Mw'izina ry’umugambwe FNL nanje nyene, mfashe kano kanya kugira tubwire Abarundi bose ata numwe avuyemwo, aho umugambwe wacu FNL uhagaze muri bino bihe bikomeye igihugu cacu kiriko kiracamwo. Kera Abarundi bita igihugu cacu, igihugu c’amata n’ubuki. None gisigaye ari igihugu c’amarira n’amaborogo. Aho umuvyeyi avyara ntaheke. Igisizimwe c’imbonerakure kikama cayongobeje ibibondo beneburundi. Igihugu kigeze aho umwansi ashaka. Kare twahora tuvuga ngo kiri ku manga, ariko uno munsi caramaze kugwa mu manga, hasigaye araho kugishayura.
 
Twagomba twibutse abarundi kahise ka hagufi kandi muncamake amatwara y’igihugu cacu. Kuva aho umugambwe CNDD-FDD ugiriye ku butegetsi muri 2005, ntakindi washize imbere atari umugambi wo guhonya abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa cndd-fdd na cane cane abo mu mugambwe FNL baba abinjiye mu nzego z'umutekano inyuma y'amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya leta na FNL, abasubijwe mu buzima busanzwe (démobilisés) canke abanamarimwe muri rusangi. 
 
Twibuke ivyabaye i Muyinga muri 2007, turi mu biganiro i Dar-es-salam, aho cndd-fdd yagandagura abanamarimwe barenga 90 mu kiringo gito cane bagatabwa muri Ruvubu. Tubibutse abacu bagiye bakurwa mu busho butandukanye baja kugandagurirwa ahantu hatazwi (akarorero : agasho ko mu Kinama mu gisagara ca Bujumbura) mwibuke abacu bagizwe ubuyungiro n’amasasu mu za Kayanza n’ahandi. Nta mwaka tudaharura abarenga 600 bishwe n’ubutegetsi na nuno munsi ntibarahaga amaraso ya beneburundi. Ubu bakaba batakigera umutwe n'Abanyamahanga : akarorero ka hafi Ababikira ba tatu ba bataliyanokazi, bagandaguwe bunyamaswa, abo bafasha kuri paruwasi Guido Maria Conforti mu Kamenge bakaba basigaye bifumbereje nk'impfuvyi. 
 
Kuva mu 2010, aho amatora yaranzwe n’ubusuma ndenzarugero, cndd-fdd ibifashijwemwo na CENI igasubira gutwara ikiringo ca kabiri, umwitwarariko ukomeye w’ubutegetsi kwabaye gutegura kino gihe tugezemwo. Aho imbonerakure zahahwe ibigwanisho, imyambaro ya bajejwe umutekano,  bakagira ikarashishi ku mugaragaro mu gihugu cose, amakungu n’abarundi bamira.
 
Kuva ico gihe kandi, agafuni gahamba ntikigeze kicara, hakozwe ubwicanyi bwagashinyaguro, bukorwa n’izo mbonerakure, abapolisi hamwe n’iperereza kubatavuga rumwe na leta, nivyo abatari bake twagiye twita ubwicanyi ndengerabutungane. Ariko hageze kuri FNL vyabaye indenzarugero. Abasirikare n’abapolisi bavuye muri FNL baratotejwe mu makambi barimwo, no kwicwa baricwa, co kimwe n’abasubijwe mu buzima busanzwe hamwe n’abanamarimwe nk’uko umengo baracambaye wa mutamana wo mw'ishamba. Iyo nyifato ya cndd-fdd yo gototeza aba FNL, yatumye abatari bake bemera gusubira mw’ishamba atari uko bahakunda, ahubwo kugira bagwanire agateka, amahoro n’umutekano ku barundi bose ata wandyawangura, kuko Abarundi bose bategerezwa kungana imbere y’amategeko. Ari naco gituma uno munsi, umugambwe FNL uhurikiyemwo abarundi b’ubwoko bwose, b’intara zose. 
 
Banamarimwe,
Bakenyezi mukenyereye urugamba, 
Rwaruka mparaniragihugu, 
Namwe bakunzi b'umugambwe, 
 
Twagomba tubamenyeshe ko FNL, ari umugambwe uzira amacakubiri ayariyo yose. Haba mu rwego rw’intwaramiheto za FNL canke mu rwego rwa politike hahurikiyemwo abarundi b'ubwoko bwose, b’intara zose n'ibitsina vyose.  Umugambwe FNL uhamagariye Abarundi bose b'ubwoko bwose, b’intara zose, abagore n’abagabo, imisore n’inkumi b’imigambwe yose, uwo wese arajwe ishinga n’agateka kiwe, ukwishira no kwizana, ko yoza mu mugambwe FNL tukarwaniriza hamwe ubutegetsi bubi bwa CNDD-FDD bwica benegihugu, atawukivyara ngo aheke, yica inzoya, abatama n'abatamakazi,  igihugu kikaba gisigaye ari inkokore.
 
Ubwicanyi kuri CNDD-FDD ni ubuhizi, ni ubutwari,  kugeza naho abategetsi basigaye biyita amazina yo kwihaya ko bazi kwica, amazina ateye isoni. Nka Ndakugarika kuko amaze kugandagura inganda z’abarundi zitarinke. Nka Rwembe kuko azi gukata imitwe n’amazosi. Izina Ntibaheke ngo ni intwari mukwica ibibondo. N'ayandi majambo akoreshwa muri CNDD-FDD nka safisha bisigura gukubura abo batavugarumwe. Kumesa, n’ibindi. Aho ntitwokwihoza amajambo avurwa n’umukuru w’igihugu, se barundi, yita abo arongoye ngo ni za mujeri, ngo iyo zisaze, nzorungika abapolisi banje bazice. Ivyo yabivugiye i Gitega muri meeting mumpera z’ukwezi kwa kane uyu mwaka.
 
Mbe none aribagira ko no muri leta arongoye harimwo abo yita mujeri. Abo basangira ku meza, abo basengera hamwe nimba asenga koko. None nimba asangira na mujeri kw’isahani, we acayitwa iki? Ayo majambo yose n’amazina biteye isoni, akoreshwa kugira ahahamure benegihugu, uwutishikanye muri CNDD-FDD, ahunge, uwanse guhunga yicwe canke agapfungwa. 
 
Banamarimwe,
Bakenyezi mukenyereye urugamba, 
Rwaruka mparaniragihugu, 
Namwe ncuti n'abakunzi b'umugambwe FNL, 
 
Basokuru bacu barayamaze bati: “uwufise amaso yerekwa bike”. Biragaragara ko Cndd-fdd ata nzira y’amahoro iriko irarondera, mu gihe ubutegetsi butanga amategeko yo kurasa no kwica abenegihugu bari mu myiyerekano bagaragaza akari ku mutima, basaba agateka kabo kandi ari uburenganzira bwabo. Aho hose baraswa baba bashize amaboko hejuru.  Inzirakarengane zimaze kugandagurwa n’imbonerakure n’abapolisi bataye umurongo, mu myiyerekano yo kwiyamiriza inambu y'ubutegetsi ya Nkurunziza yo gushaka gutwara ikiringo ca gatatu atarekurirwa n'amategeko zirarenga 50 mu kiringo c’ukwezi kumwe gusa, aho ntituvuze abanyuruzwa batamenyekana, abakomeretse n’abapfunzwe. Umugambwe FNL uboneyeho akaryo ko guhoza imiryango  ibandanya ibura ababo, yifadikanije kandi nabo bose bari ku musego bakomeretse, hamwe n’abapfunzwe bari ku mahiri n’amaborogo.
 
Banamarimwe
Bakenyezi mukenyereye urugamba,
Rwaruka mparaniragihugu, Namwe ncuti n'abakunzi b'umugambwe FNL, 
 
Ntimwibagire ko akimuhana kaza imvura ihise. Benshi bari bizigiye ibiva mu nama y’abakuru b’ibihugu vy’akano karere yabereye i Dar-er-salaam muri Tanzaniya kuw’Imana uheze igenekerezo rya 31/05/2015, ariko mwarabonye ko n’ikibazo nyamukuru c’ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza kitagiye no ku meza mu bibazo vyizwe.
 
Agateka kacu, ni twebwe nyene tuzokiyambika. Nta nkeka aho bukera turiyambika umutamana w’ubuntu! Muze tureke amajambo yo kwihebura nk’uko bakunze kuvuga ngo: “turateye ivyatsi izo mbonerakure n’abapolisi bataye umurongo mukurasa amasasu no gutera ama grenades abenegihugu bamanitse amaboko. Mbe badutera ama grenades n’amasasu, natwe tubatera ivyatsi, ese murabona ko twobatsindisha koko ivyo vyatsi bitanabashikira aho bari, vyotuma Nkurunziza n’akarwi kiwe bava kw’izimwe ryo kwica abenegihugu?
 
Banamarimwe
Bakenyezi mukenyereye urugamba, 
Rwaruka mparaniragihugu
Namwe ncuti n'abakunzi b'umugambwe ,
 
Reka tubibutse ko kuva 2005, inzego z’umutekano zari zihurikiyemwo abahora barwana, FNL nayo yinjiramwo mu 2009. Leta ya CNDD-FDD irongoye izo nzego, yanashitse ku butegetsi kubera amasezerano y’i Arusha ntiyigeze iha agaciro abandi bavuye mu yindi migambwe nkuko umengo bafashe igihugu ku muheto. Bakibagira ko bashizweho n’abanyagihugu.
 
Ica kabiri kandi gikomeye, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, ari nabwo bujejwe kugura no gucungera ibirwanisho vy’igihugu, bujejwe gucunga imbibe, gucungera umutekano w’igihugu n’abanyagihugu, ibirwanisho vyarinjira mu gihugu, bigahabwa imbonerakure, abanyamigambwe n'amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike ndetse n’amakungu basemerera, ariko ntacakozwe kubera gutinya kwicwa n’abavuye muri CNDD-FDD. Wanka kugarura impene ikiri hafi, yamara kurenga umutumba ukabira nkayo kandi wanka gusesa amaraso uyasesera igihugu cawe imbwa zikayanywera ubusa. None uno munsi, izo mbonerakure zifise ibirwanisho mu gihugu cose, zirica zigakiza uwo zishatse, zirapfunga abatavuga rumwe n’ubutegetsi, zigapfungura abari muri CNDD-FDD uko zishaka, zigeze mbere aho zikubita ndetse zikanapfunga abajejwe gucungera umutekano. 
 
FNL rero twararahiye ko tudashobora kwihanganira ko Uburundi n’abarundi baguma mu buja n’akajagari ka CNDD-FDD aho ukwica, ugupfunga, iterabwoba, gutoteza no kwangaza abatavuga rumwe n’ubutegetsi, vyabaye ubuhizi n’ubutwari bwa dd. Ntidushobora kwihanganira aho abenegihugu bahirwa nk’impongo, yaseruka bakayitera amacumu, aho barara mu mashamba nk’ibikoko kandi batabuze aho baba, aho benegihugu bakubitwa nk’ingoma, aho mwenegihugu yicara mu nzu akabona ko amadirisha n’imiryango bifise amatwi bimwunvirinza. Umuntu bwira ati ntibuca, bwaca ati ntibwira. Amaganya n’amarira, inzara n’inyota bikuzura benegihugu nayo ubukene bukaza busongera isibe mu gihe akagwi gato cane kagipfukamye mu nda kadasiba kuduza amagolofa hirya no hino mu gihugu mu mafaranga banyuruza mu mutungo rusangi, ayandi mafaranga akajanwa mu mabanki yohanze mu gihe igihugu kiyakenye birenze urugero, amasoko n’ibidandazwa biraturirwa kandi ariho umunyagihugu yaziga uburaro n’uburamuko, agasigara yifumbereje ata kiremesha. 
 
Ayo marushwa, amarira n’amaborogo kuri beneburundi, ari nabo bavyeyi batuvyaye, abavukanyi n’abana bacu, vyatumye tudashobora kubirenzako uruho rw’amazi, bituma twongera gufata inzira yo gusubira mw’ishamba kandi tutahakunda.
 
Banamarimwe, 
Bakenyezi mukenyereye urugamba, 
Rwaruka mparaniragihugu
Namwe ncuti n'abakunzi b'umugambwe, 
 
Umugambwe FNL urashimishwa cane n’ingene Abarundi b'ubwoko bwose bagaragaje ubumwe mu myiyerekanoyo yo kwiyamiriza Nkurunziza ko ahonyanga ibwirizwa nshingiro n’amasezerano y’i Arusha, ashaka gutwarira mu mivo y’maraso ya beneburundi. Mwariboneye umutima w’ubunyamaswa bwa CNDD-FDD aho atakinya bagira co kurasa abari mu myiyerekano bataritse amaboko kandi imyiyerekano irekuwe n’amategeko. Mwariboneye aho abapfasoni, abavyeyi dusonera kandi twubaha, igiti kiturirwa, baterwa ivyuka vy’ubumara. Murumva ko cndd-fdd ari inyamaswa ataco bagisonera.
 
Kuva aho havugiwe ivyo bise coup d’état, abasirikare n’abapolisi batari bake ari abahoze muri EX-FAB, abahoze muri FNL n’abandi bavuye muyindi migambwe yarwana, baramaze kwicwa mu buryo budatomoye bagirizwa ngo bari muri coup d’état. Abandi babwirwa ngo bimuriwe muzindi kambi zakure (mutation), babakura mu makambi babanje kubaka imyambaro n’ibikoresho vyose bakoresha, bakaburiza amakamyo ari imbokoboko gusa. Amaso akaba abaye ayo kuko ntibigera bashika iyo bababwiye.
 
Aha ntituvuze abanyagihugu banyuruzwa mw’ijoro mu gihugu cose, bakicwa bitamenyekana kuko ubutegetsi bwaturiye amaradio yose yigenga ari naho umunyagihugu yavugira. Ingendo nkiyo iragayitse irateye isoni. Ariko ababikora bamenye ko amaraso y’inzira karengane ahuma kandi aguma ataka buri gihe. Umusi urizina bazovyishura.
 
Banamarimwe
Bakenyezi mukenyereye urugamba
Rwaruka mparaniragihugu
Namwe ncuti n'abakunzi b'umugambwe FNL, 
 
Umugambwe FNL urasubiye gutera akamo uwo wese yipfuza kuva mu buja bwa CNDD-FDD aze yifadikanye na FNL ku rugamba turimwo. Ubugabo burihabwa, ntawundi azoturwanira tutirwaniye. Umwe wese azane inguvu afise: yaba abitanga bakaja mu ntwaramiheto za FNL, yaba abazana ivyiyumviro n’intererano y’uburyo bwose mu mugambwe FNL, ivyo vyose ni inguvu kandi turazikeneye. FNL rero turiyemeje guhangana na CNDD-FDD kandi inguvu turazifise zikwiye. Inguvu zirenze cane si ibirwanisho, ahanini ni umutima (determination) hamwe n’abanyagihugu bari inyuma yacu.
 
Iteka n’itekane nitwe tuzovyiha, si amakungu azobidutereka imbere. Muze rero turwane urwo rugamba tutamanitse amaboko, ahubwo turwanishe amasasu n’amabombes. Umuriro uzimwa n’uwundi. Kandi iyo ntambara turayitsinda. Ico dusavye abasirikare ba leta n’abapolisi, bibuke ko imbere yuko baja mu nzego z’umutekano, bari abarundi nk’abandi. Turabateye akamo bareke gukoreshwa bunyamaswa kubera inyungu za Nkurunziza n’akarwi gasahura umutungo w’igihugu. Ahubwo nabo baze kwifadikanya na FNL mu rugamba rwo guhabuza agateka ka beneburundi. Turateye akamo mbere abo bose bari muri CNDD-FDD ndetse n’imbonerakure bave mu buja barimwo bikure mu kwaha kwababakoresha ibikorwa bigayitse kubera inyungu za karwi kashize imbere kwiba no kwica. Ahubwo muze namwe muri FNL, imiryango iruguruye.
 
Mu kurangiza, umugambwe FNL umenyesheje Abarundi bo benegihugu ko wiyemeje gukurikiza politike ishingiye kuri Demokrasi Nkezabuntu bisobanura ukumvikana hagati ya beneburundi ukuntu twokwibanira mu mahoro mu gihugu cacu ata wandyawangura, arico twita Contrat SocialMaze tureke ubutungane bukore akazi bujejwe ata gitsure, ata mbonerakure zibwinjiriramwo. Ivyo rero bizotuma haba amahoro, n’iterambere birama.
 
Nta nkeka Uburundi burogorora aho bukera. IMANA Igarukire Uburundi n’Abarundi.
 
Bigiriwe I Bujumbura kuwa 06 Ruheshi 2015
 
 
Ambasaderi Isidore NIBIZI
Umukuru w’umugambwe FNL
 
 

Commenter cet article

Buyenzi 09/06/2015 18:31

Ibisa birasabirana. Uyo mu mutwe we hapanze nka Twagiramungu ku gahuru. Politique mu kirere: ngo FDLR nitrwa azoyitabara. Raba site yiwe ko atari iy'ingegera gusa. Abantu baravuga maze iyo mujeri igahitwa ku mbuga. Ko atahakana ko iyo misore yambaye gisoda ku mafto ari M23. Namanuke n'ubwo bushyo bwe bw'imbwa ngo ni amasilikare yirabire neza ko kititwara bakamumesa.

Mbonyingabo 08/06/2015 09:13

Iyinyandiko irerekana ibintu bibiri; kuba Nkurunziza yaramaze gutsinda abarwanyaga kwiyamamaza kwe, nuko FNL igiye gushoza intambara irwanya imbonerakure zahawe imbunda. Ngaho namwe nimumbwire, izombunda zivugwa zifitwe nimbonerakure gusa? Nonese ko ahubwo byagaragaye yuko hari nabantu bomuyandi mashaka bazifite ndetse ONU ikaba isaba yuko bose bazakwa, ubwo nibazakwa iyintambara izaba igifite ishingiro? Ngo abantu barashwe bamanitse amaboko, ese kumanika amaboko umaze gutwika imodoka ya abapolisi cyanga kwica umuntu bivuga yuko uri umwere?

Kabayija 08/06/2015 04:45

Veritas, muhindure uburyo. Uyu si umuyobozi habe na gato! Yewe si n'umutegetsi! Niba mu Burundi bafite abiyita "abahagarariye abandi" bameze nk'uyu, muracyaruha kabisa. Gusa arasebya FNL. Ngaho mbwira niba iri jambo rye hari aho rihuriye n'amahoro avuga ko yifuriza abarundi!

kalinganire 07/06/2015 23:02

Ngo yilirwa abwira Abarundi ko afite Ingabo ko bagomba kumuha amahera yo gufasha Ingabo,hagira uyamuha akajya kwigulira Ibirayi by'Abana

Denise 07/06/2015 22:16

Uriya avuga ashoza intambara ni uwo kwamaganwa ntacyo amariye abarundi.

Erekana ibikorwa 07/06/2015 17:43

Ese ko uvuga ko ufise abasirikare, kandi ubabajwe n,akaga Abarundi barimwo, kubera iki utazana abo basirikare ngo batabare Abarundi , hanyuma abanyagihugu bakuyoboke aruko babonye aho wagejeje???? Uzoguma uvugiriza induru hanze kugira amaherezo abe ayahe???? Politike yo kuri internet nta gaciro ifise. Va mu majambo uje mu bikorwa !!!!! Uravye nabi abantu bazohava bakwita umu escro.

kalinganire 07/06/2015 17:36

Aliko abantu barasetsa uliya Niyibizi uba haliya i Lyon niwe ubeshya ko ategeka FNL cyeretse niba iba iwe mu Rugo kuko ibyo avuga n'ibyo yiyitirira n'ibinyoma

Mugabo 07/06/2015 16:45

Noneho veritasinfo ibaye urubuga rwa fnl rero.... Ubu se iyi nkuru imariye iki abakurikira uru rubuga ??

rukundo 07/06/2015 16:07

fnl si abantu bo guha urubuga nkuru...twarabanye nabo mu makambi yo muri tanzaniya ...iyo bicaga umuntu bamukuragamo umutima bakawurya ar mubisi...nonese abantu barwanye kuva muri 72 ntibafate ubutegetsi cndd ikarinda iyo ibwifatira ejobundi...abo nibo bashora kuyitsinda....abarundi...bakeneye amahoro...si rebellion ya fnl. muzanyarukire I burundi murebe ko fnl atariyo iyobora imigration....nkurunziza ntako atabagize...ahubwo ibyihebe bya fnl bikinda kwibeshya ko abahutu bose babiri inyuma kandi sibyo....

Karundi 07/06/2015 15:33

Ariko murasetsa! Ari FNL ari na CNDD FDD ni nde ukunda abahutu cyangwa wabarwaniriye kuva kera? Ese Nkurunziza niwe muhutu kamara kugeza ubwo acagaguramo abahutu bose ndetse bose bakazarimburwa kubera we? Aho ni aho kwibaza!

Kaziri 08/06/2015 00:20

Amajambo siyo abarundi dukenye. Nous avons besoin des acts. Quel est ton objectif en faisant une telle déclaration. Ejo utubwire ko wafashe Nkurumbi, wafashe ibutegetsi, tuzosidukana n'iyonka kugushigikira. Sinon, nous considérons ta déclaration comme une diversion

Gakuba phibert 07/06/2015 15:24

NIKO NIBIZI NI MUMARA KWICA UWO MUHUTU MWENE WANYU WITEGUYE KUDUFATIRA RWASA NGO TUMUHORE ABACU YICYIYE IGATUMBA? UBWOSE WA UZI IMIGAMBI TUBAFITIYE WOWE NA NKURUNZIZA NDETSE NABENE WANYU BOSE? UZIKO MWATWAMBUYE UBUTEGETSI KANDI MURI ABAGERERWA. NGAHO HANDAGAZA MUMARENE TUZABASONGA MUMAZE KUNEGEKAZANYA.

Bh 07/06/2015 18:31

Babwire sha Gilbert. iyo mihirimbiri yose aho yiyicariye iri kurya za omelette natwe abanyagihugu tubuze ayo ducira nayo tumira, baguma biyumvira ingene batugira ibiraro vyo kuzamukirako baja hariya iwabo windya n'amafaranga. Ntawe ndumva atavuga ko arajwe ishinga ningorane zabarundi, ariko hageze mu mahina nko mu nzara mu Kirundo, iyo misega iba iryohewe ikoma induru nimigono, abanyagihugu bari gushira. Ni bareke kugira ico bahaye abanyagihugu bawihere amahoro gusa. NIyo dukeneye naho ivyo bigongwe baguma bamoka ngo baradufitiye ni ayinda gusa. Nzaba ndora, kandi ukuri kuzoteba kuja ahabona. Nta democratie nizeye ivuye muri FNL iyo ariyo yose. NIvyananria CNDD-FDD, basi abahutu bazoce bashira hasi bemere batwagwe na Buyoya, cangwa uwundi muntu wese ashoboye gucecekesha abatagira ikizima bavuga. komera