Burundi : Umuyobozi wa FNL ishami rya gisilikare aravuga iki ku biyamamarije hamwe na Nkurunizizari ?

Publié le par veritas

Abarwanyi ba FNL hafi y'umujyi wa Bujumbura

Abarwanyi ba FNL hafi y'umujyi wa Bujumbura

Igihugu cy’u Burundi nicyo itangazamakuru ryo mu karere ndetse n’iry’amahanga rihanze amaso. Nyuma y’aho Nkurunziza atangiye kandidatire, hakurikiyeho abandi bakandida 7 bose baba 8. Izo kandidatire zakuruye impaka mu mashyaka atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Nkurunziza, bamwe bakavuga ko gutanga izo kandidatire ari ugushyigikira Nkurunziza, abandi bakavugako kutazitanga ari ukumurekera mu kibuga wenyine, bityo agakomeza kuba perezida yibwira ko abandi batinya amatora, abiyamamaza bo bavuga ko bazakomeza kurwanya kandidatire ye idakurikije amategeko n’ubwo nabo ari abakandida ! veritasinfo yegereye umuyobozi w’ishyaka rya FNL ishami rya gisilikare Ambasaderi Isidore NIBIZI uba ku mugabane w’u Burayi kugira ngo agire icyo atangariza abasomyi kuri politiki y’u Burundi. Ibibazo byanditse mu kinyarwanda, nyirubwite akaba yarabisubije mu kirundi.
 
Bwana Isidore, veritasinfo yifuje kugirana nawe ikiganiro kugira ngo utubwire uko ubona uko ibintu byifashe (situation) mu Burundi.
 
Ikibazo : Muri iki gihe nyuma y’aho abiyamamariza umwanya wa perezida i Burundi bamaze kugaragarira ibintu byifashe gute i Burundi ?
 
Igisubizo : Mbanje gushimira ikinyamakuru Veritasinfo kimpaye akanya ko kubwira Abarundi n’Abanyarwanda ikibazo c’UBurundi. Kuva aho bamwe mu Barundi bamaze gushikana dosiye zabo zoguharanira umwanya wa perezida, Abarundi bose baribaza iyo Uburundi buriko buja, nta nyishu baronka kuko uwo wese yemeye gukurikira Nkurunziza muri CENI, akemera guhiganwa nawe, nuko aba yemeye Nkurunziza ari mukuri. Kuko babiri ntibojana ku rugendo ataco bahuriyeko. Abo bose batanze dosiye zabo tubafata ko amasezerano y’i Arusha n’ibwirizwa nshingiro babihonyanze kumugaragaro mugihe amakungu yariyahagurutse kubera ico kibazo ca Nkurunziza yarenze amasezerano.
 
Ikibazo : Ishyaka rya FNL ubereye umuyobozi ntabwo ryatanze umukandida mu kwiyamamaza ni ukubera iki ?
 
Igisubizo : Twebwe ntitwashobora gutanga umukandida kuko twiyemeje gusenyura ubutegetsi bwa cndd-fdd dukoresheje umuheto, kuko nabo nyene batarota bava kubutegetsi ngo nikubera amajambo ya politike canke amatora. Kw’igenekerezo rya 01/03/2014, twasohoye itangazo dukebura abanyapolitike babarundi ko boreka guhenda abanyagihugu (abaturagi) ngo muri 2015 bazotsinda cndd-fdd mu matora. Twaraberetse ingene ubutegetsi buriko butegura ubusuma buhanitse : CENI yivye amatora muri 2010 nibo nyene bagarutse, imbonerakure zariko zihabwa ibirwanisho kumugaragaro kandi hariho igisirikare n’igipolisi vyashizweho kubera amasezerano y’i Arusha n’ibwirizwa nshingiro, nta munyepolitike yemererwa gukoresha inama meeting n’ibindi…
 
Twaraberetse ko Nkurunziza yiyemeje kuguma kubutegetsi naho amaraso ya benegihugu yoseseka yose agasigara wenyene. Twebwe rero ntidushobora kuja mu matora y’ubuja nkayo, kandi twebwe amategeko ntanabitwemerera naho yovyemeye ntitwoje guta umwanyu wacu.
 
Ikibazo :Hari abavuga ko abatanze kandidatire ari abagambanyi, abandi bakabona ko iyo batazitanga byari ukwemerera Nkurunziza gukomeza kuba perezida kuko yari kuvuga ko abandi batinye amatora ?
 
Igisubizo : Ivyo ni ukuri gose. Abatanze kandidature ari abagambanyi ndetse abahemu bakomeye. Reka nibutse Abarundi igihe batangura imyiyerekano canke imyigaragambo ko abarongoye imigambwe aribo batera akamo abayoboke babo. Abantu babo baritavye ako kamo baja mu mabarabara amayinga abiri, atakindi bakora, inzara munda, abatari bake barishwe, abandi barakomereka bikomeye, ibihumbi bavundiye mu busho bakubitwa nk’inzoka, ubuzi bwa leta bwarahagaze, aho ntituvuze amakungu asura asuriranya aza mu Burundi. None ayo makungu ko ubwanwa bwafuse umunwa bakivuga iki? Imiryango yabuze ababo muriyo myigaragambyo babasigurira gute? Ese bazotanga indishi y’agashumbusho kuri abo bose bahagiriye ibibazo. Mboneyeho akaryo mbere ko gukebura imiryango yose yagize ingorane kubera akamo batewe n’abo bantu, ko bashinga urubanza bagasaba igashumbusho, bagasigurira abarundi n’amakungu icatumye bahonyanga amasezerano y’i Arusha yatwaye akayabu k’imiliyoni yamadevize amakungu n’Abarundi. Barahemukiye Abarundi cane kuko bemeye kuja mu kwaha kwa Nkurunziza na cndd-fdd kandi atana matora bazotsinda. Ni ABAHEMU GOSE !!!
 
Ikibazo :Uwitwa Bigirimana Jacques yatanze kandidatire nk’umukandida w’ishyaka FNL uyobora, wowe niko ubibona ?
 
Igisubizo : Mu kiganiro twagiranye n’ikinyamakuru veritasinfo kuwa 28/04/2015, twarabasiguriye neza ingene Bigirimana Jacques yahawe na cndd-fdd umugambwe FNL inyuma y’amatora yo muri 2010. Uwararongoye umugambwe amaze guhunga, leta ya Nkurunziza yahamagaye uwitwa Miburo Emmanuel na Jacques Bigirimana babaha amahera menshi, babategeka gukura uwahoze uwurongoye yitwa Rwasa. Abo baca bemera gukorera ubutegetsi bwa cndd-fdd, reka twibutse abasomyi ba veritasinfo ingene Bigirimana Jacques yama yashigikiye ivyiyunviro vya cndd-fdd biciye ku nsamirizi canke mu binyamakuru. Bigirimana niwe wenyene yari yemerewe gukoresha amanama acungerewe umutekano n’abapolisi n’imbonerakure.
 
Ahubwo nsubiriye kwibutsa abamwegereye ahagarike gukoresha ibiranga umugambwe wacu FNL. Ari navyo idrapo, icivugo, ikimangu harimwo umuheto kandi atawo afise. Turamenyesheje Abarundi n’Abanyarwanda basoma veritasinfo ko FNL itari mu matora kandi ko atavyo turiko tujamwo kuko twoba dushigikiye Nkurunziza muguhonyanga amasezerano n’ibwirizwanshingiro.
 
Ikibazo :Sylvestre Ntibantunganya wigeze kuyobora u Burundi agaterwa amabuye n’abaturage bigatuma ava kuri uwo mwanya yongeye kwiyamamaza, wamuha ayahe mahirwe ?
 
Igisubizo : Reka tureke kuvuga ko bamuteye amabuye kuko si ibinyegezwa. Bamuteye amazirantoke kumurango ari perezida. Aho nk’umunyapolitike, novuga yuko Ntibantunganya afise amahirwe make gose yo kuba umukuru w’igihugu, kuko yarerekanye inguvu n’ububasha buke yari afise. Mugihe abishe Ndandaye Melchiol bagumye ataco binona ndetse n’abamuteye ayo mashanji ntaco bahanywe kuko nta bubasha yari afise. Novuga yuko yari nka bimwe twita igikanganyoni. Nta kintu na kimwe abarundi bamwibukirako yakoze gikomeye cagumye mu mitima yabo.
 
Ikibazo : Agathon Rwasa yiyamamaje nk’umukandida wigenga (udafite ishyaka), iyo akiyamamaza nk’umukandida wa FNL mwari kubyemera ?
 
Igisubizo : Nkuko nabivuze aho hejuru, twebwe FNL ntituri mu matora kuko twiyemeje kurwanya cndd-fdd dukoresheje umuheto kuko nabo bafise umuheto n’ikiroberi citwa imbonerakure. Umuriro rero uzimwa n’uwundi. Rwasa ntaburenganzira afite bwo kwiyamaza kugiti ca FNL kuko si umu FNL. Igihe yata ingabo mw’ishamba akunvikana na cndd-fdd, agataha mugihugu, twaramenyesheje abarundi n’amakungu ko tumuhagaritse muburongozi bwa cndd-fdd. Nagume rero yigenga nkuko arivyo yabonye ko bimubereye.
 
Ikibazo : Ese kwiyamamaza hamwe na Nkurunziza kandi abarundi bari kwigaragambya ko adakurikije amategeko ntibyerekana ko opposition y’uburundi idashyize hamwe (désunie) ?
 
Igisubizo : Burya muri politike, umuntu ntumumenya ngo nuko wunvise akarimi kiwe uyo munsi. Burya akahise kiwe niko gatuma umumenya neza. Benshi muri abo bemeye gushigikira Nkurunziza mukuja guhiganywa nawe sindabazi neza, ariko hari abonzi twakoranye muri FNL, nka Rwasa, Bigirimana Jacques, hari nabo nzi imigambwe yabatanze abakandida ingene yashizweho na Nkurunziza. Ntibintangaza na gatoya kuba bakoze nkuko. Hari ivyo bahuriyeho vyinshi na Nkurunziza, canke hari icatumye bemera guhemukira abandi bari kwigaragabya. Muri abo nvuze, turafise inkuru zuko bahawe amahera menshi, ndetse hari n’abarihiwe narya mahera batanga muri CENI: imiliyoni cumi na zitanu kugira bandikwe. Ubwo rero ni bwa buhemu. Aho rero sinovuga yuko opposition y’Uburundi idashize hamwe. Muri politike, na cane cane muri Afrika, abakuru b’ibihugu bamwe bamwe barakunda kubesha ngo hari opposition kandi ari abo bishiriyeho. Abo rero baba barindiriye ibihe bikomeye kugira bashayure uwo shebuja wabo nkuko babikoze kuri Nkurunziza. Opposition y’ukuri mu Burundi barashize hamwe.
 
Ikibazo : Nkurunziza nakomeza kuyobora u Burundi, ubona bizabyara izihe ngaruka ?
 
Igisubizo : Nkurunziza nakomeza kurongora u Burundi, ingaruka ni nyinshi cane :
  1. Umutekano, cndd-fdd n’imbonerakure bamaze kumenyera kwica atacamira bizoshitsa kure igihugu. Uwutavuga rumwe na cndd-fdd azokwica canke ahunge. Abana bu Burundi bazoherera hanze y’igihugu. Ico gihe nta mutekano uzokwigera uhaba kuko abari hanze bazorondera ingene bataha vyanka vya kunda. Hazokwama intambara kugeza habaye uwundi muperezida
  2. Politike, Abarundi tuzosubira mu mugambwe umwe, intwaro y’igitugu, amabohero yuzure inzira karengane ka politike, ndetse amacakubiri agaruke kwibasira abarundi kandi dusa nabari bayasezeye. Ariko inyigisho za cndd-fdd ntakindi zigisha atari kugarukana indyane z’amoko. Ntabwigenge bw’amaradiyo n’ibinyamakuru bitavugira rumwe na cndd-fdd buzuvurwa.
  3. Ubutungane, abacamanza n’amasentare vyogomba bigaca bifutwa mu gihugu cose kuko ata butungane, ata kuri bizosubira kuvurwa mu Burundi. Imbonerakure n’iperereza bizokora ico bashaka kuko inzego z’ubutungane zizoba zikorera ku gitsure.
  4. Diplomatia n’ubutunzi, Amakungu yo yafashije gushiraho amasezerano y’i Arusha, nayo uno munsi tukaba tuyahanvye kumugaragaro mugihe ayo makungu ariko asemerera arira, u Burundi buzosubira gusaba iki imbere yayo. Duhakwa n‘ibihano bikomeye. Uburundi bukaba bubaye ho kubera infashanyo iva hanze, hamwe imiryango yo kugarwa, ingaruka ni nyinshi cane ku butunzi. Abashomeri baziyongera, ibintu bizimbe kandi ata mahera.
 
Ikibazo : wavuga iki kuri critiques za Kagame wavuze ko Nkurunziza yihambira kubutegetsi kandi ntacyo yamariye abarundi ?
 
Igisubizo : Kuri ico kibazo, novuga ko "akari mu mpene kaba no mu ntama". Yaba Nkurunziza, yaba Kagame, bose uno munsi ikibaraje ishinga ni kwiyongera mandat ya gatatu. Abo bose bari muri baba perezida navuga hejuru bashiraho abiyita opposition kandi bari mukwaha ku butegetsi. Abo bakerekana ko ari opposition yo hejuru, vyakomera ku butegetsi bagaca babuvyura. Nivyo rero biriko biba mu Burundi kandi bitegurwa no mu Rwanda aho havurwa amashyaka n’abakozi b’Imana biyita mu vya politike basabira Kagame indi mandat.
 
Umuperezida yakora neza bishimishije, igihambaye ni kubahiriza ibwirizwa nshingiro, amasezerano akomeye agenga igihugu. Yakoze neza, nareke mandats zibiri, hatware uwundi. Nimba munyuma agambo kugaruka asubire yiyamamaze, bamwibuka bamutore kuko amategeko abimurekurira kugaruka hanyuma. Kuvyo bamaze mu mabanga yabo, baba abaturage canke amakungu twese turabizi, ari vyiza canke ari bibi, igihambaye ni bubahirize amategeko bareka demokrasi ishinge imizi, uwuhejeje ibiringo bibiri asezere neza, abise abandi.
 
Ikibazo : Ese urabona abarundi bazakomeza kwigaragambywa kandi abantu baratanze kandidatire ?
 
Igisubizo: Naho hari abatanze kandidatire, hariho abari muri oppozisiyo vyukuri batashizweho n’ubutegetsi bashobora kubandanya kwigaragambya, ariko novuga ko inguvu zizogabanuka cane kuko benshi bacitse ivutu. Ikindi novuga nuko imyigaragambyo izogenda ita inguvu buhoro buhoro kugeza aho izohagarara canke inzego z’umutekano ziyihagarike burundo kuko abo batanze kandidatire bemeje ko Nkurunziza ari mukuri. Sentare ikingira ibwirizwanshingiro ikaba nayo nyene yarakoreye ku gitsure c’ubutegetsi bakamweza. Aho rero bizotuma oppozisiyo inguvu zigabanuka.
 
Turagushimiye mugire ibihe byiza
 
Nanje ndabashimiye cane.
 
 
Nibizi Isidore