Pierre Buyoya avuga ko ikibazo cya manda gisobanutse neza

Publié le par veritas

Pierre Buyoya avuga ko amategeko y'u Burundi atemerera umukuru w'igihugu kurenza manda ebyiri

Pierre Buyoya avuga ko amategeko y'u Burundi atemerera umukuru w'igihugu kurenza manda ebyiri

Pierre Buyoya wigeze kuyobora igihugu cy'u Burundi, mu kiganiro n'abanyamakuru uyu munsi yavuze ko amasezerano y'amahoro ya Arusha n'itegeko nshinga ry'u Burundi bisobanutse neza.
 
Bwana Buyoya yavuze ko nta mukuru w'igihugu n'umwe mu Burundi ushobora kurenza manda ebyiri ku butegetsi. Ibi Buyoya abivuze muri kino gihe mu Burundi hari impaka zikomeye zifatiye ku bivugwa ko Perezida Pierre Nkurunziza, umaze imyaka 10 ku butegetsi, ashobora kwiyamamariza indi manda ya gatatu mu matora ateganijwe mu kwa gatandatu k'uyu mwaka.
 
Pierre Buyoya yavuze ko igihugu kimaze kugera ku ntambwe ishimishije, ko rero abari ku butegetsi basabwa gufata ibyemezo bitasubiza igihugu inyuma. Pierre Buyoya yafashe ubutegetsi ku ngufu mu 1987 ahiritse Jean Baptiste Bagaza, abuvaho mu 1993 atsinzwe mu matora ya mbere ya demokrasi mu Burundi na Merchior Ndadaye.
 
Buyoya yongeye guhirika ubutegetsi bwa Sylvestre Ntibantunganya mu 1996, yongera kandi kubusubiza mu 2003.
 
BBC